Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta busaba Reta kugabanya uburyo (...)
Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta busaba Reta kugabanya uburyo ikoresha
vendredi 13 Nzero 2017
Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta busaba Reta y’Uburundi kugabanya amafaranga ikoresha,kuko amafaranga yinjiye mu mwaka wa 2016 ari make ugereranije nayo mu bindi bihugu biri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Nkuko bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta Desire MUSHARITSE,ibindi bihugu nka Kenya,Ubuganda,Tanzaniya n’Urwanda vyinjije amafaranga ari hagati y’ibice 17 na 19 kw’ijana,mu gihe Uburundi bwinjije ibice 13 kw ‘ijana.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta amenyesha ko kugira igihugu kiduze umwimbu,abadandaza bategerezwa gutanga amatagisi uko bategerezwa,bakirinda kudandaza ibidandazwa vya magendu n’igiturire.
Desire MUSHARITSE amenyesha ko umwimbu ushbora kwiyongera gushika ku bice 2,9 kw’ijana, akizera kandi ko imiriyaridi 700 Reta itegekanya gukoresha uyu mwaka wa 2017 ashobora kuboneka naho abahora batanga infashany bazihagaritse.
IGIHE
Messages
16 Nzero 2017, 08:37, par Nzeyimana
None azoreka kuboneka mwirirwa murayiba mubanyagihugu!nimutembe twarabahinyuye.