Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji w’amagara y’abantu : "Ntiharagera ko malaria ifatwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Umushikiranganji w’amagara y’abantu : "Ntiharagera ko malaria ifatwa (...)

Umushikiranganji w’amagara y’abantu : "Ntiharagera ko malaria ifatwa nk’ikiza"

vendredi 24 Ruhuhuma 2017

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ,Muganga Josiane NIJIMBERE amenyesha ko hataragera ko indwara ya Malaria ifatwa nk’ikiza mu Burundi, ariko ko mu gihe ibiharuro vy’abarwayi vyobandanya kwiyongera ata kibuza ko bovuga ko malaria yabaye ikiza.

Igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma, umwaka wa 2017, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko ibitigiri vyerekanye ko indwara ya Malaria yagabanutse gushika ku bice 20 kw’ijana.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yavuze ko mu ntumbero yo kurwanya Malaria, ubushikiranganji bwamaze kurungika imirwi yo guhimiriza abanyagihugu ku kwikingira malaria, mu turere tw’ubuvuzi two mu ntara za Kirundo, Ngozi, Karusi na Muyinga zibangamiwe cane.

JPEG - 112 ko
Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ,Muganga Josiane NIJIMBERE

Ku bijanye no kumenya nimba imiti ivura malaria Amodiaquine na Artesunate yoba ikivura vy’ukuri, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko barindiriye ibizova mu vyigwa biriko birakorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS kugira bamenye ko uwo muti ukivura neza malaria.

Umushikiranganji yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko mu gihe vyoboneka ko malaria ibandanya kwiyongera, hari itegeko ry’umushikiranganji rizoca riterwako umukono rirekurira umuti wa quartem usanzwe uvura malaria, winjire ku buntu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.