Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Umushikiranganji w’amagara y’abantu : "Ntiharagera ko malaria ifatwa (...)
Umushikiranganji w’amagara y’abantu : "Ntiharagera ko malaria ifatwa nk’ikiza"
vendredi 24 Ruhuhuma 2017
Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ,Muganga Josiane NIJIMBERE amenyesha ko hataragera ko indwara ya Malaria ifatwa nk’ikiza mu Burundi, ariko ko mu gihe ibiharuro vy’abarwayi vyobandanya kwiyongera ata kibuza ko bovuga ko malaria yabaye ikiza.
Igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma, umwaka wa 2017, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko ibitigiri vyerekanye ko indwara ya Malaria yagabanutse gushika ku bice 20 kw’ijana.
Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yavuze ko mu ntumbero yo kurwanya Malaria, ubushikiranganji bwamaze kurungika imirwi yo guhimiriza abanyagihugu ku kwikingira malaria, mu turere tw’ubuvuzi two mu ntara za Kirundo, Ngozi, Karusi na Muyinga zibangamiwe cane.
- Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ,Muganga Josiane NIJIMBERE
Ku bijanye no kumenya nimba imiti ivura malaria Amodiaquine na Artesunate yoba ikivura vy’ukuri, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko barindiriye ibizova mu vyigwa biriko birakorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS kugira bamenye ko uwo muti ukivura neza malaria.
Umushikiranganji yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko mu gihe vyoboneka ko malaria ibandanya kwiyongera, hari itegeko ry’umushikiranganji rizoca riterwako umukono rirekurira umuti wa quartem usanzwe uvura malaria, winjire ku buntu.
IGIHE
Messages
24 Ruhuhuma 2017, 15:19, par Mbabazi
Uwobamwita Nijimber Nyababona Abanabiwe Bakomey Yoshobora Kubonakarikizagut Imit Iraza Bakayinyuruz Ngomarariy Izohera Nubwo Abarunditwaramba
25 Ruhuhuma 2017, 07:02, par FNL
Erega Nyakubahwa ahari Shetani ntakiza kitaharangwa,sezera kuri shobuja w’ikinywamaraso si non uzovyishura mupfaso
25 Ruhuhuma 2017, 09:01, par karaveri
marariya yarabayikiza muburundi nabaza baganga b igitega marariya igombitumare