IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abagwizatunga bigenga bagiye kwemererwa gukorera mu gisata c’umuyagankuba (...)

Abagwizatunga bigenga bagiye kwemererwa gukorera mu gisata c’umuyagankuba n’amazi

mardi 17 Ruheshi 2014

Abategetsi batandukanye mu gisata c’amatara n’amazi hamwe n’abasanzwe bafasha haba mu bikoresho n’uburyo bariko bariga ingene bohanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ingene boteza imbere ishirahamwe REGIDESO biciye mu mpinduka (réforme) zimwe zimwe.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Côme Manirakiza yuguruye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 Ruheshi 2014, ibikorwa vy’uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ivyavuye mu vyakozwe n’abahinga (audit organisationnel de la REGIDESO) hamwe n’icigwa kijanye n’ugutunganya ibikorwa (étude stratégique sur la gouvernance) mw’ishirahamwe REGIDESO. Urwo ruganda rukaba ruzomara iminsi itanu, bakazokwiga umugambi ujanye n’impinduka muri iryo shirahamwe REGIDESO, ari nazo bazoca barungika muri Reta.

Intumbero y’urwo ruganda ni iyo kugira bose bumve co kimwe ivyavuye mu vyasabwe n’abahinga (recommendations), kugira bumvikane bimwe ku vyerekeye ivyohinduka muri iryo shirahamwe, kugira babishikirize Reta, ishirahamwe REGIDESO bishoboka rihindurwemwo amashirahamwe abiri, rimwe rijejwe igisata c’amazi, irindi rikaraba igisata c’umuyagankuba.

Umushikiranganji Côme Manirakiza amenyesha ko mu ntumbero yo kwongereza umwimbu w’umuyagankuba hamwe n’amazi, hari itegeko rigiye kuzokwirwa, ryerekeye amasezerano hagati y’igisata ca Reta n’abigenga, mukumva ko abanyamitahe bigenga bazoshobora gukorera muri ico gisata.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.