Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Leo-Econet: abanywanyi baguma batungishwa n’ihiganwa "Ni Hatari"
Leo-Econet: abanywanyi baguma batungishwa n’ihiganwa "Ni Hatari"
mardi 13 Nzero 2015
Abanywanyi b’amashirahamwe ya econet na Leo bariko batungishwa n’imiriyoni z’amahera ziriko zitangwa mw’ihiganwa "Ni hatari". Amahigwe ari ku baguma bakina bagwiza amanota, eka n’imiriyoni 10 zirategekanijwe ku munsi wa nyuma w’ihiganwa.

Mu mpera z’indwi iheze kw’igenekerezo rya 09 Nzero, Gatore Regis niwe yatsindiye umuriyoni w’amarundi. N’umunezero mwinshi ati:" Uwo muriyoni ndawuronse ndawukeneye cane narirya twaheruka mu minsi mikuru irangiza umwaka, uhubwo Imana ngira yari yambonye ko ndayakeneye cane". Gatore agira ashima iciyumviro cayo mashirahamwe, agakebura abandi bari muri iyo mihora gukina kugira bapime amahigwe yabo.

Twagira dukebure abakina mw’ihiganwa "Ni Hatari" ko bogumiza za ngendanwa zabo hafi yabo. Ushobora gutsinda ariko bakakubura kuri telefone, amahigwe agatangwa ku wundi. Tubibutse ko imiriyoni zogutsindira zuzuye mw’ihiganwa "Ni Hatari" mu mashirahamwe ya Leo na Econet. Aho bukera tuzobashikiriza abatsinze ku munsi wa gatandatu no ku w’Imana.

Cherif Nkeshimana