IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Abanywanyi ba Econet Leo na Startimes baroherejwe

Abanywanyi ba Econet Leo na Startimes baroherejwe

mercredi 13 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

ECONET LEO yateye umukono kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12 Mukakaro, ku masezerano y’ugukorera hamwe na Startimes, mu kuriha (abonnement) kuri StarTimes hakoreshejwe Ecocash. Ku ncuro ya mbere mu Burundi, ayo masezerano mashasha azoshoboza abanywanyi ba Econet Leo kuriha batarinze kwishikira ahakorera Startimes, ariko bakoresheje gusa terefone ngendanwa zabo.

Nk’uko bivugwa n’ubuyobozi bwa Econet Leo, ukwo gukorera hamwe kuri mu ntumbero y’ukufasha abanywanyi gukoresha terefone ngendanwa zabo mu bikorwa vy’ubutunzi bwabo. Ku munywanyi wese, bisabwa gusa ko aba afise amafaranga muri konte yiwe ya Ecocash. Afyonda kuri *444# mu nyuma agakurikiza ivyo abwiwe. Ubwo buhinga akaba ata mafaranga namwe yiyongerako bumutwara.

CHEN YONGZHENG, umuyobozi mukuru wa Startimes, avuga ko ukwo gukorera hamwe hagati ya Econet Leo na Startimes bizozanira akunguko abanywanyi.

« Muri ubwo buryo bushasha bw’ukuriha hakoreshejwe ECOCASH, tuzoronsa abanywanyi bacu "Bouquet" za Startimes batarinze kuva muhira, ariko bakurikije gusa ivyo babwiwe. Ubwo buhinga buzofasha buke buke gukuraho amakarata aharurwa (les cartes à gratter). Akanyegezwa banga ka Ecocash yacu nako akaba ari 08888. Ni akarusho gakomeye ku banywanyi bacu."

Ubwo buhinga si ngirakamaro ku banywanyi gusa, kuko buzofasha n’abadandaza amakarata ya Startimes kurangura batarinze kuva aho bakorera, kuko nabo nyene bakoresheje Ecocash bazoshobora kurangura, bakadandaza batarinze gutakaza umwanya w’ukwishikira ahakorera Startimes.

Tubamenyeshe ko ingene bikorwa, ubwa mbere umunywanyi wa Econet Leo adafise konte ya Ecocash abanza kwiyandikisha ku buntu, ku bakozi wa Econet Leo bamwegereye. Amaze kwiyandikisha, akurikiza uru rutonde :

Fyonda *444#
Shiramwo igiharuro kabanga cawe
Cagura kane (4) mu kuriha ifagitire
Injiza igiharuro kabanga ca Startimes 08888
Shiramwo amahera y’agaseke muguze (Akarorero : 12 000, 24 000, 30 000)
Injiza inomero ya dekoderi yawe (Akarorero : 02054717482. Nta gutandukanya ibiharuro) hama OK
Muca muronka ubutumwa bubasaba kwemeza canke guhakana :
Kwemeza : Fyonda kuri rimwe (1)
Guhakana : Fyonda kuri kabiri (2)

Umunywanyi aca aronka ubwo nyene ubutumwa kuri mesaje bwemeza ko irihwa ryiwe ryagenze neza, hamwe n’ibiharuro vyemeza iryo rihwa ryiwe.

Ishirahamwe Startimes rimenyesha abanywanyi baryo ko hariho kandi "Bouquet" yo ku munsi ku munsi, iyo nayo ikarihwa amafaranga igihumbi y’amarundi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.