IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Abatari bake baribaza aharoye inoti z’amafaranga 2000

Abatari bake baribaza aharoye inoti z’amafaranga 2000

samedi 23 Myandagaro 2014

Inoti z’amafaranga ibihumbi bibiri ziramaze igihe zitaboneka, nk’uko abadandaza babimenyesha bo mu gisagara ca Rumonge.

Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radio Isanganiro, akavuga ko abo badandaza bagira ingorane z’ugusubiza ababa basumye. Bavuga ko basigaye bikora ku noti z’amafaranga 1000 n’ibihumbi 5 zisa n’izirwiriye. Iyo ngorane y’ikena ry’inoti z’amafaranga ibihumbi 2 ikaba yemezwa ndetse n’amabanki asanzwe akorera muri iyo komine ya Rumonge, iri mu ntara ya Bururi. Iyo ngorane y’ibura ry’inoti z’amafaranga ibihumbi 2, ikaba itari mu ntara ya Bururi gusa, kuko yibonekeza hafi mu gihugu cose, uhereye mu gisagara ca Bujumbura. Izo noti rero zikaba zimaze iminsi zarabuze ku masoko, ndetse bikavugwa ko n’ibankI nkuru y’igihugu yoba idaherutse kuzisohora.

Ibura ry’izo noti, ikaba ituma iziguma zibonekeza kw’isoko cane ari iz’amafaranga 1000 hamwe n’ibihumbi 5, izo nazo zigashobora guca zisaza ningoga, mu gihe izahora zizisahiriza mu ngaru zitakiboneka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.