IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Afrika y’Epfo : Umusigiti w’abahuza ibitsina babisangiye wahiye (...)

Afrika y’Epfo : Umusigiti w’abahuza ibitsina babisangiye wahiye uratokombera

dimanche 5 Gitugutu 2014

Umusigiti wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo wari uwabahuza ibitsina babisangiye wahiye uratokombera, kugeza n’ubu uwawuturiye ntaramenyekana.

Uwo musigiti ukaba utari bwanakwize n’ukwezi wuguruwe, ukaba waturiwe mw’ijoro hagati rishira uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 4 Gitugutu. Uwawuturiye kugeza n’ubu ariko araronderwa, ariko ntawuramutora. Amatohoza akaba ariko araba mu gisagara ca Cap mu ntumbero yo gufata uwadometse uwo musigiti wahuriramwo abahuza ibitsina babisangiye.

Nk’uko umukuru w’uwo musigiti abivuga, Taj Hargey amenyesha ko ivyuma bijejwe gufata amasanamu vyerekanye uruja n’uruza rw’abantu baguma baca aho hantu amasaha abiri imbere y’uko uwo musigiti usha, bikagaragara ko boba bari mu bahaturiye. Abo bantu badometse uwo musigiti, bakaba bakoresheje ubwoko bw’igitoro.

Ukuramba k’uwo musigiti kukaba kwari kure nk’ukwezi uravye uburyo batanguye kuwuhigira utaranugurura, mu gihe wari ugenewe abahuza ibitsina babisangiye, ukunganisha ibitsina ndetse n’abandi bantu bakaba bashobora kuwusengeramwo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.