Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola yageze mu gihugu ca Mali
Ebola yageze mu gihugu ca Mali
samedi 25 Gitugutu 2014
Ikiza Ebola kibandanya gukwiragira mu bihugu vyo muri Afrika y’Uburengero. Muri Mali umwana w’imyaka ibiri akaba yitavye Imana ahitanywe n’ico kiza Ebola.
Uwo mwana w’umukobwa w’imyaka ibiri yabonetsweko iyo ndwara ya Ebola ubwa mbere muri Mali, yari yaturutse muri Guinée. Uwo mwana yashikiye mu karere ka Kayes kari mu Burengero kure y’umurwa mukuru Bamako. Cumi muri abo bariko barakurikiranirwa hafi ni abaforoma n’abandi bakozi bo kwa muganga.
Ishirahamwe OMS rijejwe amagara y’abantu kw’isi ryamaze kurungika abahinga bo gufasha kurwanya ikiza ca Ebola muri Mali. Abamenyeshamakuru bavuga ko ikibazo c’itandukira rya Ebola muri Mali, igihugu kigize gatandatu mu Burengero bwa Afrika gitewe n’ico kiza, ari nko kunanirwa ku mugambi wa OMS wo gukumira ico kiza.
Floxella Karire
Messages
25 Gitugutu 2014, 14:45, par NDEREYIMANA Modeste
Nibarabe vraiment abava muri vyo bihugu bibangamiwe babashire ahandu mukiringo c’ukwezi babihweza ko boba baranduye.Uwo basanze atabimenyetso afita abone kuja mu bandi
26 Gitugutu 2014, 05:20, par nahayo zebede
twebwe abarundi dukwiye kuzitira kare no mugusaba infashamyo zikwiye mukugwanya icokiza ebora murakoze