Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola yageze mu gihugu ca Mali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola yageze mu gihugu ca Mali

Ebola yageze mu gihugu ca Mali

samedi 25 Gitugutu 2014

Ikiza Ebola kibandanya gukwiragira mu bihugu vyo muri Afrika y’Uburengero. Muri Mali umwana w’imyaka ibiri akaba yitavye Imana ahitanywe n’ico kiza Ebola.

Uwo mwana w’umukobwa w’imyaka ibiri yabonetsweko iyo ndwara ya Ebola ubwa mbere muri Mali, yari yaturutse muri Guinée. Uwo mwana yashikiye mu karere ka Kayes kari mu Burengero kure y’umurwa mukuru Bamako. Cumi muri abo bariko barakurikiranirwa hafi ni abaforoma n’abandi bakozi bo kwa muganga.

Ishirahamwe OMS rijejwe amagara y’abantu kw’isi ryamaze kurungika abahinga bo gufasha kurwanya ikiza ca Ebola muri Mali. Abamenyeshamakuru bavuga ko ikibazo c’itandukira rya Ebola muri Mali, igihugu kigize gatandatu mu Burengero bwa Afrika gitewe n’ico kiza, ari nko kunanirwa ku mugambi wa OMS wo gukumira ico kiza.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.