IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Bujumbura : Abarenga 90 bandukiwe n’ikiza ca Korera, umwe muribo (...)

Bujumbura : Abarenga 90 bandukiwe n’ikiza ca Korera, umwe muribo arapfa

mercredi 17 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bw’ibitaro vyo mu Kabezi mu ntara ya Bujumbura buvuga ko bumaze kwakira abagwayi ba Korera barenga 90, kuva mu mpera z’ukwezi kw’indwi. Umwe muri abo barwayi yaritavye Imana.

Muganga Arcade Hatungimana, ajejwe ubuyobozi bw’akarere k’ubuvuzi ka Kabezi asigura ko isuku rike, ubukene bw’amazi meza, hamwe n’ubukene bw’utuzu twa surwumwe, arivyo bintu nyamukuru vyatumye iyo ngwara yaduka muri ako karere k’ubuvuzi ka Kabezi arongoye.

Ico kiza ca Korera catanguye kwibonekeza muri ako karere kuva kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro, umwe muri abo bamaze gufatwa n’ico kiza akaba yaritavye Imana.

Ico kiza ca Korera catandukiye amakaritiye yandi ahana urubibe na Komine Kabezi, ayo nayo ni nka Ruziba na Kajiji yo muri zone Kanyosha muri komine Muha yo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu ntumbero y’ugufasha abanyagihugu bo muri ayo makaritiye kurwanya ico kiza ca Korera, ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe ryemeye ko rigiye kwugurura ikibanza c’ukwakira abafashwe n’iyo ngwara muri ivyo bice vy’igisagara ca Bujumbura vyatandukiriwe.


IGIHE

Messages

  • Hhhaahh ndabira ca gihugu cugaye umupaka n’u Rwanda ,i Bujumbura Cholera,i Gitega nta essence, hhaahh urwishigishiye ararusoma,na bado

  • NUBUNDITUZOFA KUBERUBUKENE INGARAZIBANYISHI

  • Ivyo vyivyaduka vyamarwara bitumwa nubuzima bubi bubangamiye abenigihugu cane, Nkankurunziza kuriko azaregeranya amahare arunda mimifuko yiwe, yarakwiye gutanguza umugambi wo gupokeza abanyagihugu bose amahera ya dorare$ 500 yabanyamarekan, ndibaza ubukene turimwo bwohera, kuko aheruka kuvuga yuko amakori muri obere yabaye meshi mukigega birengeje urugero, kuko amwe basigaye bayisasira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.