Bujumbura : Amafaranga y’agaciro aduga ku murindi uteye ubwoba

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 juillet 2016 saa 08:42
Yasomwe : 32823
0 0

Ubukene bw’amafaranga y’agaciro bubandanya kwibonekeza mu Burundi. Abadandaza bakavuga ko basigaye barindira amezi arenga atanu batararonswa ayo mafaranga, mu gihe baba bakeneye kuja kurangura.
Ibanki nkuru y’igihugu isigura ko ikena ry’ayo mafaranga riterwa n’iguhuhusi mu vy’ubutunzi cashikiriye n’ibindi bihugu.
Umukuru w’ishirahamwe PARCEM akaba n’umuhinga mu vyerekeye ubutunzi, Faustin Ndikumana amenyesha ko umuti nyamukuru ari ugukura Uburundi mu ndyane za politike burimwo. Asigura ko izo (...)

Ubukene bw’amafaranga y’agaciro bubandanya kwibonekeza mu Burundi. Abadandaza bakavuga ko basigaye barindira amezi arenga atanu batararonswa ayo mafaranga, mu gihe baba bakeneye kuja kurangura.

Ibanki nkuru y’igihugu isigura ko ikena ry’ayo mafaranga riterwa n’iguhuhusi mu vy’ubutunzi cashikiriye n’ibindi bihugu.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM akaba n’umuhinga mu vyerekeye ubutunzi, Faustin Ndikumana amenyesha ko umuti nyamukuru ari ugukura Uburundi mu ndyane za politike burimwo. Asigura ko izo ngorane zituma igihugu kidashobora kwaka amadeni n’ukuronswa imfashanyo mu mafaranga y’agaciro.

Ku mazu yo kuvunjiramwo mu gisagara ca Bujumbura, ku biciro vy’ibanki nkuru y’igihugu, idorare rimwe vyanditswe ko rigurwa hagati y’amafaranga y’Amarundi 1660 n’i1665, rikagurishwa hagati y’1665 n’1670. Yamara ku bafise ayo mafaranga bayagurisha canke abakeneye kuyagura, suko bigenda. Idorare riri hagati y’2650 n’2660 kuwugurisha, hamwe n’2700 kuwugura.

Ifaranga ry’abanyaburaya « euro » risanzwe ritanaboneka ahatari hake, n’aho ribonetse rikagurwa 2800, rigaheza rikagurishwa 2900.


Kumenyekanisha

1
mzoyihera intagoheka 1er-11-2016 à 18:10

Rindira $1 rizoduga aho rizovujwa 3500, kuko ivyo vyose vyanwe na nubutegetsi bubi, bugizwe nabakabondo, bandandende,bamunoho, bashetani.

2
RUNDITSE WILSON 24-07-2016 à 20:29

NUKO AMAHERA YARAKWIYE Y’AMARUNDI YARAKWIYE KUGIRA AGACIRO NK’IBINDI BIHUGU

3
buoy 24-07-2016 à 17:07

Nimwiyumvire icatumye aduga

4
Bizoza 24-07-2016 à 11:58

Ntimwihebure Kuk Icatumye Ayo Madorare Aduga Nico Kizotuma Yongera Gukoroka. Ikintu Cose Gifise Intango N,iherezo.Kand Ntakiba Imana Itakizi. Iyakoze Biriya Nibindi Izobikora.Ahubwo Komezagusenga Kuk Ico Nicigwa.Amen

5
J Baptiste 24-07-2016 à 10:21

Nibareke Izo Mfashanyo Ngirango Abarundi Twoheba Ubunebwe Ugira Ngo Abadufasha Baturusha Ubwenge ? Inguvu ? Imigisha ? Isi Yimbuka Canke Itunze ? Oya Tugiye Gukora Natwe, Inyuma Y’imyaka Cumi Tuzoba Tubafasha Natwe.

6
Arcade 23-07-2016 à 06:32

Abarundi Batobato Turagowe N’ukuri Kuzima Ahubwo Imana Yonyene Nidufashe.

7
komesha 22-07-2016 à 16:41

Muzongera gukora kwi dollar bibagoye ko EU n’ububiligi aribo bayabaha mukaba mwarabatutse kubera agahimbo

8
turaje 22-07-2016 à 08:51

mugiye kuba nkabo kwa mugabe Robert , politique mbi iteza abaturage ingorane zikomeye cyane muzagenda mubibona buhorobuhoro

9
Ndayizeye 21-07-2016 à 21:12

Imana Nidutabare Tugezehabi Kuko Yesu Arinyishu Murivyose Abarundi Tugeze Ahatemba

10
Ndayizeye 21-07-2016 à 21:11

Imana Nidutabare Tugezehabi Kuko Yesu Arinyishu Murivyose Abarundi Tugeze Ahatemba

11
elia 21-07-2016 à 20:25

Haragowe Abantubatobato Nibobagiringorane Kurushabandi

12
Kanyosha 21-07-2016 à 16:11

Harizi Mujeri zanditsehano ariko rekandabasongere icarimwe nubwo amazi arimuburundi yoseyokama ntituzigera turekura ngwigihugu congere kirwe mumaboko yabakoroni/ababiligi.

13
NRC 21-07-2016 à 14:39

reka mukome ntacomwbona.

14
Reverien 21-07-2016 à 13:24

Ivyo Nivyo Bizotuma Ubarundi Tutava Mubukene

15
Reverien 21-07-2016 à 13:23

Ivyo Nivyo Bizotuma Ubarundi Tutava Mubukene

16
EUSTACHE 21-07-2016 à 11:55

SINZI IMPAMVU WILLY NYAMITWE ATARATANGAZA KO IMPAMVU AMADOLARI YABUZE KW’ISOKO RY’IVUNJISHA MU BURUNDI URUKUBERA URWANDA,ARIKO TURATEGEREJE MUKANYA ASHOBORA KUBIMENYESHA ABAMENYESHAMAKURU,IMANA IGARUKIRE ABATURAGE BUBURUNDI NKURUNZIZA AGIYE KWICYISHA INZARA.

17
Falcon50 21-07-2016 à 09:36

Nabado,nizo mwambaye muzozigurisha,nkurumbi yabahenze ngo"akimuhana kaza imvura ihise"

18
Falcon50 21-07-2016 à 09:35

Nabado,nizo mwambaye muzozigurisha,nkurumbi yabahenze ngo"akimuhana kaza imvura ihise"

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha