Accueil > Ubuhinga bwa none > Bujumbura : Huguruwe icese ihuriro rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa (...)
Bujumbura : Huguruwe icese ihuriro rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none
mardi 5 Myandagaro 2014
Ibikorwa vy’ihayanishwa rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none ryuguruwe icese, amashirahamwe atandukanye akaba yavyitavye.

Guhera kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Myandagaro, hatanguye i Bujumbura ihayanishwa rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none(Forum de l’informatique et de la Technologie de Bujumbura). Ibikorwa vyuguruwe icese n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka Sigejeje Fréderic François.
Nk’uko vyibonekeza mu kibanza Stella Matutina, ahariko harabera iryo hayanishwa, iryo huriro ryitabwe n’amashirahamwe atari make asanzwe akoresha ubwo buhinga bwa none nk’ishirahamwe Leo, Econet na Onatel , Spidernet osa-Net, CBINET, ibinyamakuru IWACU, IGIHE Burundi, Burundi ECO. Amashirahamwe adandaza amamashini, amaterefone Obama shop, Alpha CD technology, Zebra Electronics n’ayandi atandukanye nabo nyene bakaba bari bavyitavye. Bose bakaba baronka akaryo ko guhayanisha ibidandazwa vyabo.

Nk’uko bishikirizwa n’umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, hariho akarusho kazova muri ryo huriro, kuko abazoshobora gushikaho bashobora kwibonera ubuhinga bushasha bugezweho, mbere ababishoboye babonereho no kugura ibidandazwa bihari yaba amaterefone,amalogiciel n’ibindi. Mbere yaboneyeho akaryo ko guhamagarira abanyagihugu kwitaba iryo hayanishwa kuko batazobura ico bahungukira.
Bamwe mu bateguye iryo huriro, intumbero n’uko abarundi bashobora kuronka ubumenyi, bakamenya ibiba muri ico gisata, hamwe no kugira bamenye uko ubuhinga bwo gutumatumanako bushobora guteza imbere mw’iterambere ry’igihugu nk’uko biri mu civugo c’iryo hayanishwa ry’uno mwaka w’ 2014. Imwe mu ndoto abateguye iryo hayanishwa bafise, bifuza ko muri kazoza botegura iryo hayanishwa ku rwego rw’akarere, n’ibindi bihugu vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, bikaza bikerekana ivyo bashoboye, amashirahamwe akorera mu Burundi nayo akahasumira, nk’uko Tabitha Mukamusoni, umuyobozi w’ikinyamakuru Burundi ECO rimwe mu mashirahamwe yateguye iryo hayanishwa abimenyesha.
Tubamenyeshe rero ko iryo hayanishwa rizorangira ku genekerezo rya 8 n’ibikorwa vyo kuzotanga ubushimwe ku bibanza (stands) bitatu bizoba vyarushije mu kuba bitunganije neza, batatu mu banyamitahe bakiri bato, hamwe n’amashirahamwe atatu azoba yerekanye ibidandazwa vyiza kurusha ayandi.


Floxella Karire
Messages
22 Ndamukiza 2016, 10:42, par Adronis
Nivyiza Kubonamuburundi Du Tunzevyiza Esetworonka Amahinguriro Yubutaretukareka Kwamatuzerinzemugusega Ifashanyo,mbega Ntakuntumwodutezimberenatwe Urwaruka Tukaronkakazi? Abeshi Du Fisediplom Mugatwarabuzakazi Nonebite? Muradukurira Twumve Nate Ubuhingaturabusoboye Tel 25569036244 adronis gitega