IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Harakenewe uburyo bwo gushigikira incanco zo kwa muganga

Harakenewe uburyo bwo gushigikira incanco zo kwa muganga

dimanche 12 Rusama 2013

Umugambi wo gushiraho uburyo bwo gushigikira Leta mu gihe c’incanco zo gukinga indwara z’ivyaduka ni mwiza kandi ni nyawo nk’uko bishikirizwa na Karenga Ramadhani, umushingamateka yatowe mu ntara ya Bururi.

Umushingamateka Karenga akaba ashikiriza ivyo mu gihe hamwe ubwo buryo bwotangwa, ubwigenge bw’ugucandaga bwoba bugiye mu ngiro mu gihugu c’Uburundi.

Uyo mugambi ukaba washikiririjwe mu gisagara ca Rumunge, aho hari hitavye abarongoye abandi mu ntwaro, abashingamateka, abarongoye amashengero atandukanye bo mu ntara z’ubumanuko nka Bururi, Rutana, Makamba, Mwaro.

Iyo nama rero yahuje abo barongoye abandi muri izo ntara, ikaba yari yitabwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Sabine Ntakarutimana, mu ndwi igira gatatu ya Afrika yahariwe urucanco.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.