Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Harakenewe uburyo bwo gushigikira incanco zo kwa muganga
Harakenewe uburyo bwo gushigikira incanco zo kwa muganga
dimanche 12 Rusama 2013
Umugambi wo gushiraho uburyo bwo gushigikira Leta mu gihe c’incanco zo gukinga indwara z’ivyaduka ni mwiza kandi ni nyawo nk’uko bishikirizwa na Karenga Ramadhani, umushingamateka yatowe mu ntara ya Bururi.
Umushingamateka Karenga akaba ashikiriza ivyo mu gihe hamwe ubwo buryo bwotangwa, ubwigenge bw’ugucandaga bwoba bugiye mu ngiro mu gihugu c’Uburundi.
Uyo mugambi ukaba washikiririjwe mu gisagara ca Rumunge, aho hari hitavye abarongoye abandi mu ntwaro, abashingamateka, abarongoye amashengero atandukanye bo mu ntara z’ubumanuko nka Bururi, Rutana, Makamba, Mwaro.
Iyo nama rero yahuje abo barongoye abandi muri izo ntara, ikaba yari yitabwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Sabine Ntakarutimana, mu ndwi igira gatatu ya Afrika yahariwe urucanco.
Floxella Karire