Burundi : Indwara itaramenyekana imaze kwica abantu 15

Yanditswe na Floxella Karire
Kuya 22 juin 2013 saa 08:18
Yasomwe : 1539
0 0

Kugeza kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi , indwara itaramanyekana imaze guhitana abantu 15 mu Ntara za Rutana ndetse na Makamba.
Uwujejwe amagara y ‘abantu mu Ntara ya Rutana, Dr. Irené Ndayisaba yamenyesheje ko iyo ndwara itaramenyekana yatanguye kugaragara ku wa gatatu.
Dr.Ndayisaba yatangaje ko ubwa mbere abarwaye iyo ndwara babonetse mu ntara ya Rutana, mu duce twa Bukemba na Kayogoro, aho barangwa n’ubushuhe bwinshi no kuyorwa bidasanzwe.
Abantu 35 bakaba aribo bamaze (...)

Abantu 35 bakaba aribo bamaze kubonwako ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Yabandanije avuga ko mu bantu bayirwaye kugeza aya masaha bagera kuri 35 abenshi ari abantu bakuze gusa, akavuga ko bariko baritabwaho bahabwa serumu n’iyindi miti ya ngombwa.

Inyuma yo gutwara ibipimo vy’ababonetseko ibimenyetso i Bujumbura, abantu bagumye bitiranya iyo ndwara na macinya canke ebola.

Mu ntumbero yo kwirinda ko iyo ndwara yakomeje gukwiragira mu banyagihugu muri rusange, abajejwe amagara y’abantu muri izo ntara basaba abanyagihugu kurushirizaho kugira isuku mu guteka amazi, gukaraba, no gusukura ivyo bakoresha n’aho baba .

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha