Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cyrille Sigejeje : Inyungu zisabwa n’amabanki ziri mu bituma abarundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Cyrille Sigejeje : Inyungu zisabwa n’amabanki ziri mu bituma abarundi (...)

Cyrille Sigejeje : Inyungu zisabwa n’amabanki ziri mu bituma abarundi batabitsa

mardi 16 Kigarama 2014

Mu Burundi, abatari bake ntibarijukira kubitsa amafaranga yabo mu mabanki, kuko ibice 12,5 kw’ijana gusa aribo babitsa mu buryo buzwi. Cyrille Sigejeje arongoye ishirahamwe ry’amabanki asaba abanyagihugu kwijukira kubitsa, kuko ku bwiwe ababitsa babaye benshi naza nyungu zisabwa n’amabanki zigatuma abatari bake batayahurumbira zoshobora kugabanuka.

Ivyo akaba yabishikirije kuri uno wa mbere, igihe hugururwa icese umugambi w’igihugu uhimiriza abarundi bose kwijukira kubitsa mu mabanki no mu mashirahamwe yo kubitsa no kuguranana (Stratégie Nationale de l’inclusion Financière). Nk’uko biri mu matohoza yakozwe mu mwaka w’2012, mu Burundi abantu bangana n’ica gatanu ni kuvuga ibice 12,5 kw’ijana nibo bafise ikonti mu mabanki canke mu mashirahamwe yo kuguranana. Ibice 14 kw’ijana navyo n’abanyagihugu bakibika mu buryo bwa kera yaba mu mahembe mu mazu yabo n’ahandi. Ibice birenga mirongo itanu navyo baba ku birometero birenga umunani (8km) vy’ahasanzwe hari ayo mabanki canke ayo amashirahamwe yo kubitsa no kuguranana. Ivyo nivyo vyatumye ibanki nkuru y’igihugu itegura umugambi wo gusubiramwo ico gisata co kubitsa kugira bikunde abanyagihugu bijukire kubitsa ari benshi.

Cyrille Sigejeje arongoye ishirahamwe ry’amabanki yo mu Burundi amenyesha ko bariko bakora ibishoboka vyose kugira amabanki ashobore kwegera abanyagihugu. Kanatsinda ubu vyaratanguye, kuko amabanki atakiri ku mirwa mikuru y’intara gusa, ubu no mu makomine asigaye ariyo. Ikindi avuga n’uko bongereje amasaha yo gukora, hamwe no gukoresha kimwe bita "Guichet automatique", aho umunyagihugu ashobora gutora amafaranga yiwe isaha yose ashaka bitamugoye. Cyrille Sigejeje avuga ko bigiye gushika aho mu ntara za ruguru umunyagihugu kanaka ashobora kuronka uduhera twiwe aciye nko ku muntu afise iduka basanzwe bakorana nayo mabanki, akamwereka nko muri terefone ngendanwa ko ahejeje kuronka amafaranga, agaca ayamuha bitarinze kugorana. Ariko kugira imigambi yose yo kworohereza abanyagihugu ishobore kuja mu ngiro, harakenewe amategeko mashasha afasha.

Inyungu zisabwa n’amabanki ni kimwe mu bituma abanyagihugu batijukira kubitsa.

Mu gihe abanyagihugu bagitinya kubitsa mu mabanki kuko inyungu ari umurengera, Cyrille Sigejeje abasaba ahubwo kuyijukira ari benshi kuko ariho n’ayo mabanki nyene yoronka uburyo bwinshi, agaheza akagurana ababishaka, akongera akanagabanya n’izo nyungu. Abasaba ingurane nabo ntibasubize, abahanura kuza barishura kuko navyo biri mu bituma amabanki aduza inyungu. Ikindi gituma ayo mabanki aduza inyungu, birava no kw’ifaranga ry’Uburundi riguma rikoragurika. Kubwa Cyrille Sigejeje arongoye ishirahamwe ry’amabanki, birakenewe ko ubutunzi bw’igihugu bwisununura kugira ifaranga ry’Uburundi ntirigume rita agaciro, rishobore kwisama.

Tubamenyeshe ko ivyo bikorwa vyo kwugurura uwo mugambi w’igihugu uhimiriza abarundi bose kwijukira kubitsa mu mabanki no mu mashirahamwe yo kubitsa no kuguranana (Stratégie Nationale de l’inclusion Financière) vyari vyatewe iteka n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri. Uwo mugambi ukazotwara amafaranga angana n’imiriyaridi 36,7 z’amarundi. Muri ayo, ibice 13,9 kw’ijana azotangwa na Reta, mu gihe imiriyaridi 22,8 zizova mu mfashanyo z’abasanzwe bafasha Uburundi. Uwo mugambi ukazomara imyaka itanu kuva mu mwaka w’2015 gushika mu 2020.


Floxella Karire

Messages

  • Ingorane uburundi bufise nuko batabaza ayandi mabanki yo hanze uko akora. Ivyo biratuma kandi igihugu kiguma mubukene kuko nabanyamahanga badakunda kuzana imitahe yabo. Be muraba urwanda aho rugeze mwigireho

  • Mutama ubeshe izuba riva!!!kubera abantubatabika aribeshi!!!yoo mutama baza mugabNye kwikunda amabanki??mwashize amategeko yuko atamuntu numwe yugurura bank igababanya inyugu kiyo amabanki yose ari muburundi arihisha20% vyuvikana ko atanumwe azoza muzoguma arimwebwe mwenyene mufise amabanki mwice musha mukize nakamaramaza??ubuho mwayiciye umurya aho benewanyu banyoko baso etc bafise amadeni yabanki bahovye ataco muzobabaza????akamaramaza vyuvikana ko DD ingire isahure igihugu kuko amatora iyazi kwizoyatsinda??nahovyakabonetse kwisi ahobashiga itegeko ryumuryago wumuntu imwe atuze??akamaramaza aho murihisha 20% kukwezi no kumwaka20% obr nayo ataraza gutoza ayayo kurayo mahera nyene ??hanyuma ngomurindiriye abanyagihugu baze Amahera yabo!!!!murindiriye abanyamitahe!!!!!

  • Nibaza ko mu burundi bataramenya neza gutunganya ivy’amabanki!

  • Nibazako kuba abarundi batabika harimwo uruhara rwayo ma banki. Babwirizwa kugira amamenyekanishwa akomeye (Publicité) kugira ngo bajijure abanyagihugu babereke iciza co kubitsa. Ivyo vyoca mugushira investissement ndende muri ico gisata ca publicité. Nk’akarorero bivanye n’uko abarundi badafise ama télévision, boshira ama écrans géants ku ma centres makuru makuru ku ntara canke amakomine amwe amwee ateye imbere agenewe igikorwa co gucishako publicité mu buryo buteye imbere. Ivyo vyotuma hariho abantu boja kubitsa. Ni kuvuga ko les agences publicitaires zari zikwiye gukorera muri ico gisata bikomeye kuko ndibaza ko la potentialité y’abobitsa itari nto.
    Ikindi naco, bobanza bakarondera au moins kugabanya izo nyungu n’umwaka wose muri ivyo bihe vya campagne kandi vyotanga akarusho na cane cane ko kuri ayo ma centres navuze ariho ukunda gusanga babadandaza batobato. Ivyo navyo vyojana no kwegereza ayo ma banki nyene abo banyagihugu aho basanzwe baba kuri iyo migwamikuru y’intara n’ayo makomine asanzwe akomeye mu bijanye n’ubutunzi bw’abayagize no muvya business.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.