IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Umunyamabanga mukuru wa Onusida arashima intambwe igihugu kigezeko

Umunyamabanga mukuru wa Onusida arashima intambwe igihugu kigezeko

mercredi 8 Rusama 2013

Kuri uyu munsi wahiriwe kurwanya ikiza ruhonyanganda sida mu Burundi, icivugo ni : « twese hamwe mu gukingira iyandura ry’umwana akiri mu mbanyi no mu kwonka. »

Ku mugoroba w’uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama, Uburundi bwararonse umushitsi w’iteka nawe akaba ari Michel Sidibe, umunyamabanga mukuru wa Onusida akaba kandi ari icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Intumbero nyamukuru y’urugendo rwiwe mu Burundi, kwari ugushigikira igihugu ku gira naco kibandanye mu nzira puzamakungu yo kurwanya sida, mu migambi yo kutandukiza umwana mu gihe ari mu mbanyi canke ariko aronka gushika mu mwaka w’2015. Uyu munsi rero ukaba uza guhimbarizwa kw’ivuriro rya komine Kamenge kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Rusama 2013.

Umunsi mukuru wo gufasha mu kurwanya iyandura ry’umwana umugera wa sida uriko ubera mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika kuy rya 8 Rusama 2013.
Ni muri iyo ntumbero ibigo vyose bisanzwe bihimiriza mu mugambi wo kurwanya iyandura ry’umwana biri mu gisagara ca Bujumbura, abaganga bariko barapima abavyeyi bibungenze ku buntu umugera wa sida, mu ntumbero yo guhimiriza abagendana umugera bose ngo baje muri uwo mugambi wo gukingira abana.

Uburundi n’igihugu kigira 22 co kw’isi kiri ku rugero rwiza mu kurwanya iyandura ry’umwana ari mu mbanyi canke uwonka gushika mu mwaka w’2015. Kuri ubwo rero, amakungu nayo yafashe intumbero yo gufasha ibihugu vyose mu guteza imbere uwo mugambi mu bihugu vy’Afrika. Kuva mu mwaka w’2011, Onusida yafashe intumbero yo kwegera ibihugu bi kigoyagoya muri uwo mu gambi irikumwe n’abakuru b’ibihugu vy’Afrika barikumwe ndetse n’umunyamabanga mukuru wa Onusida umushingantahe Sidibe.

Mu rugendo rwiwe rero mu Burundi, Umunyamabanga mukuru wa Onusida azobonana n’abategetsi bakuru bakuru, abarongoye amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike mu nzira yo gufashanya nabo mu kurwanya ikiza ruhonyanganda sida, azobonana kandi n’abaserukira amashirahamwe ari mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akorera mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ikorwa cokurwanya umugera wa sida ,niciza twaritwipfuje kubasaba ko mwoza murafasha nabandi bafise iciyumviro cokuyirwanje tugashira ubumenyi hamwe mukuwurandurana nimizi,twariko twaritanguje agashirahamwe ko kuwurwanya dusigurira nabanyagihugu uko bowikingira,ariko turabona rimwerimwe biratugora kubera uburyo ariko turitanga ukuo dushoboye kuko turacari nabanyeshure.murakoze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.