Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Cholera yasubiriye kwiha inkumbi mu ntara zimwe zimwe zo mu (...)
Cholera yasubiriye kwiha inkumbi mu ntara zimwe zimwe zo mu Burundi
jeudi 11 Mukakaro 2013
Indwara ya Cholera ni indwara iva kw’isuku rike, ikaba isinzikaza ningonga mu gihe itavuwe kare. Ni ikiza kitaraba umukuru canke umuto canke ngo kirabe igitsina.
Kuva aho ibimenyetso bisubiriye kwerekana ko kiza ca Cholera casubiriye kwiha inkumbi mu ntara zimwe zimwe za hano mu Burundi nka Rutana, Rumonge hamwe n’abegereye ikiyaga Tanganyika.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burahamagarira abo bose vyega mu bijanye n’amagara y’abantu na cane cane abari mu bushikiranganji bujejwe kuraba ivy’amazi n’isuku kugira biteho cane ico kibazo mu kurwanya ico kiza ca Cholera, ivyo bikaba vyashikirijwe na Hilaire Ninteretse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Mukakaro 2013.
Tukivuga ku bijanye n’amagara y’abantu, ikibazo c’isuku mu bubare bumwe bumwe bwa hano mu gisagara ca Bujumbura kiracari kure nk’ukwezi. Ububare bumwe bumwe ntibugira n’utuzu twa sugwumwe, aho buhari naho, ntibugirirwe isuku nk’uko vyategerezwa, ivyo bigaca bituma haduka indwara zifatiye kw’isuku rike.

Saidi Juma, umukuru w’igisagara ca Bujumbura akaba yamenyesheje ko kwubaka utuzu twa sugwumwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi biri mu migambi ya vuba bafise, ivyo akaba yabivuze igihe yariko arashikiriza ibikorwa vyaranguwe na Marie ya Bujumbura mu gice ca mbere c’umwaka w’2013. Yamenyesheje ko uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura buriko burakora ivyigwa kugira barabe amafaranga utwo tuzu twa surwumwe tuzokenera, bagategekanya kuzotangura ibikorwa vy’ukutwubaka mu mpera z’uyu mwaka, mu bice bimwe bimwe.
Juma Saidi yamenyesheje kandi ko uwo mugambi uzokorwa mu ntumbero yo kugarukana isuku mu gisagara ca Bujumbura, biri no mubizotuma ikiza ca Cholera gituzwa.
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura basaba rero ubutegetsi kurushirizaho kubafasha kugira hagume isuku mu gisagara n’ahandi mu gihugu cose
Mariella Bukuru