IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ConnectedCar: ubuhinga bw’ugukurikirana imodoka aho igeze hose

ConnectedCar: ubuhinga bw’ugukurikirana imodoka aho igeze hose

samedi 16 Ndamukiza 2016, par Jean De Dieu

Amashirahamwe hamwe n’abantu bakorera mu gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu bagiye gushobora gukurikirana umwanya wose aho imiduga yabo igeze, hamwe n’ibiriko birakorwa kuri iyo miduga. Ubwo buhinga bwatangujwe na ECONET LEO ibicishije muri Econet ConnectedCar Fleet Management Service (FMS).

Ubwo buhinga bwa ECONET LEO bwatangujwe ubwa mbere mu Burundi, bufasha kubona aho umuduga ugeze mu mwanya wose, bugafasha gusuzuma ku nyabwonko (Ordinateur) canke kuri terefone ngendanwa, aho imodoka ishizwe, kuronka ubutumwa ku biriko birakorwa ku modoka, ingene igitoro kiriko kirakoreshwa ku rugendo, kuronka ubutumwa iyo imodoka ijanywe mu kibanza itari yateguriwe kujamwo, ibarabara ifashe, ingene uwugendesha iyo modoka yigenjeje, hamwe n’ibirometero imodoka yagenze.

Ubuhinga bwa Connectedcar buzofasha amashirahamwe hamwe n’abantu bakorera mu gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu, mu gushobora gukurikirana imiduga aho bazoba bari hose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.