Ebola : Kuber’iki abakenyezi aribo ba mbere bahitanwa n’ico kiza ?

Yanditswe na Nadege Irakoze
Kuya 23 septembre 2014 saa 04:01
Yasomwe : 5688
0 0

Biciye mu mirimo yabo mu kibano no kuba hafi y’abarwaye, abakenyezi nibo bakarirwa cane n’umugera wa Ebola. Nk’uko ishirahamwe riharanira ineza y’abana (UNICEF) ribivuga, hafi y’ibice 60 kw’ijana yabishwe n’ico kiza, muri iki gihe, nabafise igitsina gore.
Hafi y’ibice 50 kw’ijina y’abantu bandura umugera ebola barapfa. Ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe amagara y’abantu (OMS) ryashikirije, kw’igenekerezo rya14 Nyakanga, ko kuva mu ntango z’umwaka hapfuye abantu 2 630 kubi 5 357 vy’abarwaye batohojwe. (...)

Biciye mu mirimo yabo mu kibano no kuba hafi y’abarwaye, abakenyezi nibo bakarirwa cane n’umugera wa Ebola. Nk’uko ishirahamwe riharanira ineza y’abana (UNICEF) ribivuga, hafi y’ibice 60 kw’ijana yabishwe n’ico kiza, muri iki gihe, nabafise igitsina gore.

Hafi y’ibice 50 kw’ijina y’abantu bandura umugera ebola barapfa. Ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe amagara y’abantu (OMS) ryashikirije, kw’igenekerezo rya14 Nyakanga, ko kuva mu ntango z’umwaka hapfuye abantu 2 630 kubi 5 357 vy’abarwaye batohojwe.

Nk’uko iradiyo RFI ibivuga, abahinga basanze abakenyezi aribo bashizwe imbere mu kwandukirwa. Muri Liberia, igihugu gisinzikajwe na ebola, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwemeza ko ibice bitatu kuri bine (3/4) vy’abagwaye ebola ari abakenyezi. Ibirenze aho, ishirahamwe riharanira ineza y’abana (UNICEF) ryasanze ibice 55 gushika kuri 60 kw’ijana vy’abahitanywe na ebola kuva mu ntango y’umwaka muri Liberia, Guinée na Sierra Leone ari abafise igitsina gore.

Sia Nyama Koroma, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Sierra Leone, akaba yasiguye, mu kwezi kwa Myandagaro mu kinyamakuru" Washington post " iryo rwirirana rya bakenyezi , ko abakozi mu bijanye n’amagara y’abantu kenshi ari abakenyezi kandi bakaba abambere mu gutuza ico kiza. Bakabihurizako na UNICEF isigura ko abakenyezi benshi bapfa kubera aribo bafasha abarwaye, iryo shirahamwe rikongerako ko ebola yatumye haba impfuvyi zishika ku 2000 muri Liberia honyene.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha