IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola : OMS yatangaje inkuru mbi

Ebola : OMS yatangaje inkuru mbi

mercredi 15 Gitugutu 2014

Ikiza ca Ebola gishobora kwandukira abandi bantu ibihumbi bitanu gushika ku bihumbi cumi ku ndwi muri Afrika y’Uburengero. Igitigiri c’abapfa banduye uwo mugera, gishobora gushika ku bice 70 kw’ijana mu bihugu bitatu bisinzikajwe cane n’ico kiza ari vyo Liberia, Sierra Leone na Guinée, nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS ribishikiriza.

Ivyo biharuro birateye ubwoba .

Ishirahamwe OMS rivuga ko umugera wa Ebola ushobora kwandukira abandi bantu bashika 5000 kugera ku 10 000 ku ndwi muri Afrika y’uburengero mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama kandi ubu baharura abashika igihumbi ku ndwi.

Icegeranyo gishasha cerekana ko ikiza ca Ebola kimaze kwica abantu 4447 kuri 8914 barwaye. Ico kiza kiguma gikwiragira muri Afrika y’Uburengero. Ibindi biharuro biteye ubwoba n’igitigiri c’abapfa barwaye Ebola gishobora gushika ku bice 70 kw’ijana muri Liberia, Sierra Leone na Guinée, nk’uko umuganga Bruce Aylward, icegera c’umuyobozi mukuru wa OMS abimenysha.

Ariko rero naho ivyo biharuro bibandanya kuduga, ishirahamwe mpuzamakungu OMS rishobora gutangaza ku munsi wa gatanu ko ikiza ca Ebola caheze muri Sénégal, no ku munsi wa mbere muri Nigeria, nihataboneka uwundi muntu ayirwara muri ivyo bihugu.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.