IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola : Uwuserukira Reta zunzubumwe za Amerika muri ONU araremesha (...)

Ebola : Uwuserukira Reta zunzubumwe za Amerika muri ONU araremesha Afrika

lundi 27 Gitugutu 2014

Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru c’Abafaransa AFP, uwuserukira igihuku ca Reta zunzubumwe za Amerika, umupfasoni Samantha Power kuva kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Gitugutu yatanguye urugendo mu bihugu vya Afrika y’Uburengero.

Ngo ni kugira yifatanye n’abanyagihugu babangamiwe cane n’ikiza c’ingwara ya Ebola ibica bigacika mur’ako karere ka Afrika. Mbere ngo ni kugira asabe amakungu afate mu mugongo ivyo bihugu, mugihe igihugu ca Mali kiriko kiragerageza gutuza Burundi ico kiza, mugihe umuntu wa mbere wo mur’ico gihugu aherutse kubonwako ibimenyetso vy’iyo ngwara.

" Novuga ko ubu hakenewe ibisabisho vyinshi n’imiti, gufatana mu nda n’amafaranga." Aya n’amajambo yavuzwe na Samantha Power, ahejeje kubonana n’abihebeye Imana hamwe n’abakize Ebola. Hari ku musigiti Fayçal w’i Conakry, umugwa mukuru w’igihugu ca Guinée. Ni mur’iki gihugu nyene ikiza ca Ebola catanguye kwibonekezamwo mu mpera z’umwaka w’I 2013, kikaba kimaze kwisasika abantu bagera ku bihumbi bitanu (5.000).

Avuye mu gihugu ca Guinée, Samantha Power azoca aja muri Sierra Leone no muri Liberia, ibihugu bibiri navyo nyene vyasinzikajwe cane n’ikiza ca Ebola. Avuye aho, azoca aja mu gihugu ca Ghana, ahari igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe kuraba ingene Ebola iriko iratuzwa. Azoca yerekeza mu gihugu c’Ububirigi kugira yerekane ko vyihutirwa cane ko isi yose yohagurukira rimwe igafasha gutuza ico kiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.