Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ECONET Burundi yatanguje « VYEMERE NIVYO », bishasha mu guhamagarana
ECONET Burundi yatanguje « VYEMERE NIVYO », bishasha mu guhamagarana
jeudi 5 Kigarama 2013
Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru n’uguhamagarana “Econet Burundi” ryatanguje icese, umugambi mushasha « VYEMERE NIVYO » wo kugabaniriza ibiciro abanywanyi b’iryo shirahamwe.
![](IMG/jpg/dsc_0375.jpg?1386224736)
Abanywanyi ba Econet Burundi, kuva ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 4 Kigarama 2013, barashobora guhamagara ku mafaranga cumi ku munota (10 Francs burundais par minute) ku bandi banywanyi bo muri Econet. Barashobora kandi guhamagara abanywanyi bo mu yindi mihora, hamwe n’abari mu bihugu nk’Ububirigi, Ubufaransa, Ubushinwa, Ubuhindi, Canada na Reta zunze ubumwe za Amerika ku mafaranga mirongo umunani ku munota (80 Francs Burundais la minute).
![](IMG/jpg/dsc_0376.jpg?1386225239)
Kubw’umuyobozi mukuru Anthony Masozera, mw’ishirahamwe Econet Burundi bashira imbere kwama bashikiriza abanywanyi babo ubuhinga bushasha bwisunze urugero mpuzamakungu, ku biciro bibayabaye. « Ingingo yo gutanguza uwo mugambi mushasha “VYEMERE NIVYO” yo kworohereza abanywanyi ba ECONET Burundi ikomoka ku ntumbero twihaye yo kwama twumviriza abanywanyi. Ishirahamwe ryacu rishira imbere guteza imbere ubuzima bw’abanywanyi bose, mu kubaronsa ibikorwa vyacu ku biciro bitavuna”.
Nk’uko Anthony Masozera, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ECONET Burundi abandanya abimenyesha, abanywanyi bashobora guhamagarana mu gihugu cose, hamwe mu makungu ku biciro biganuye. Abanywanyi ba ECONET barashobora guhamagara ku mafaranga cumi ku munota (10 Francs burundais par minute) ku bandi banywanyi bo muri Econet. Barashobora kandi guhamagara abanywanyi bo mu yindi mihora, hamwe n’abari mu bihugu nk’Ububirigi, Ubufaransa, Ubushinwa, Ubuhindi, Canada na Reta zunze ubumwe za Amerika ku mafaranga mirongo umunani ku munota (80 Francs Burundais la minute).
Mu nyuma y’ivyo biciro vyashizwe ku rugero rushobora kworohereza abanywanyi bose guhamagarana batavunitse, ishirahamwe Econet Burundi ryaratunganije n’ubundi buhinga bwo gutumatumanako amakuru biciye ku buhinga ngurukanabumenyi, hamwe n’ubundi buhinga bw’ukurungikirana amafaranga.
Twobamenyesha ko ishirahamwe Econet Burundi risanzwe rikorera mu bindi bihugu bitandatu vyo muri Afrika, rikaba kandi riri mu mashirahamwe ya mbere muri Afrika atunganya ubuhinga bw’uguhamagarana n’ugutumatumanako amakuru ku bantu bari kure na kure.
![](IMG/jpg/dsc_0365.jpg?1386224736)
![](IMG/jpg/dsc_0384.jpg?1386224736)
![](IMG/jpg/dsc_0365.jpg?1386224736)
![](IMG/jpg/dsc_0374.jpg?1386225091)
![](IMG/jpg/dsc_0409-2.jpg?1386225691)
![](IMG/jpg/dsc_0407.jpg?1386225691)
Egide Nduwimana
Messages
5 Kigarama 2013, 14:18, par Manirakiza Alain
Ubwa mbere nagira nshimire abayobozi b’ Ishirahamwe ECONET WIRELESS kuriyo ngingo nziza bafashe yogufasha abanywanyi bayo.Ubugira nkasaba ko boyishira mu ngiro nk’uko babitumenyesheje.
5 Kigarama 2013, 14:45, par 5555
Econet Wireless u are the one!keep going like that, very proud of u
5 Kigarama 2013, 21:59, par Sindimwo Francois
Bonsoir,none kombona iyo tarif itaratangura kuri iyi fone yanje?Mugire umugisha.
6 Kigarama 2013, 13:15, par Ndagijimana Francois
Turashima Ivyo mwama Mudukorera.
12 Kigarama 2013, 22:21, par ali mahamba
econet turi inyuma yanyu bandanya