Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ECONET LEO : Ibice 100 kw’ijana vy’akarusho kuma inite aguriwe ku buryo bwa (...)
ECONET LEO : Ibice 100 kw’ijana vy’akarusho kuma inite aguriwe ku buryo bwa ECOCASH
jeudi 17 Ntwarante 2016, par
Ishirahamwe ry’ugutumatumanako ECONET LEO ryatanze akarusho ku banywanyi baryo bagura ama inite bakoresheje ubuhinga bwa ECOCASH. Umunywanyi akoresheje ubwo buhinga ahabwa ibice 100 kw’ijana vy’akarusho (Bonus), agashobora gukoresha ako karusho mu guhamagara hamwe n’ukurungika ubutumwa bugufi (SMS).

Ama inite aguriwe ku buryo bwa ECOCASH ni ubuhinga bwizewe, bunyaruka, uwukoresha ubwo buhinga agashobora kugura ama inite aho ari hose mu gihugu, n’aho hoba mw’ijoro.
Biroroshe kugura ama inite na ECOCASH
Fyonda *444# hama OK
Andika akanyegezwabanga kawe
Hitamwo igiharuro 3 canditseko giti : Gura amaite
Bandanya n’ibikurikira
Konte ya ECOCASH yuguruzwa ku buntu, bigasaba ko umunywanyi aba afise ikarata Sim ya ECONET LEO, hamwe n’ikarata karangamununtu, ibisigaye umunywanyi akabifashwa n’abakozi ba ECOCASH aho bari hose. Kugira umunywanyi ashobore kugura ama inite muri ECOCASH, agategerezwa kuba afise amahera muri konte yiwe ya ECOCASH.
Ubwo buhinga burategekanya kandi ukubitsa amahera kuri konte ya ECOCASH, umunywanyi agatanga amahera yiwe ku mukozi wa ECOCASH, nawe akayamukubikira kuri konte yiwe.
Ishirahamwe ECONET LEO risanzwe rizwi mu gutumatumanaho mu Burundi, niryo rya mbere mu Burundi rikoresha ubuhinga bwo kurungikiranira amahera muri ECOCASH, hakoreshejwe terefone ngendanwa.
IGIHE
Messages
19 Ntwarante 2016, 21:12, par ngendakumana leonidas
iciyumviro came nuko the dusazwe tuba hanze mwodufasha eko kashi yokoreshwa kwisi yose kamoni gr gurungika amahera bikoroha dukoreshesheje eco ko kashi kuko amashirahamwe ya emtiyene asazwe abikoresha inyishu