Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet-Leo: Uwundi yatsindiye umuriyoni yamenyekanye
Econet-Leo: Uwundi yatsindiye umuriyoni yamenyekanye
lundi 29 Kigarama 2014
Umugabo w’umwubatsi w’imyaka 32 y’amavuka, niwe yatahukanye umuriyoni w’amafaranga y’amarundi mw’ihiganwa "Ni Hatari" rya Econet na Leo, amahigwe aracari menshi ku bahiganwa.
- Diomede NINDABIRA
Inyuma y’abandi babiri baheruka gutsindira agashimwe nk’ako, Diomede NINDABIRA aturuka mu ntara ya Muramvya ubu aba i Bujumbura muri Komine Kamenge niwe yatahukanye umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.
Nk’uko bigenda no ku bandi, imihora ya Leo na Econet (isigaye ikorana) itanga ubutumwa ku banywanyi babo aho bishura ku bibazo bijanye n’inkino, umuziki, urukundo no ku Burundi. Uwusumbije abandi amanota atsindira umuriyoni w’amahera y’amarundi, niko vyagenze no kuri Diomede umugabo w’abana babiri. Mu guhiganwa, ubutumwa butwara amahera amajana abiri(200frbu)
Diomede Nindabira akaba yagize amahirwe yo kuja mu bandi baronse amanota menshi yatumye atsindira umuriyoni wa mafaranga y’amarundi. Agashimwe kiwe akaba yakaronkejwe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 29 Kigarama 2014.

Tubibutseko abahiganwa bafise amahigwe y’ukwezi kwose kw’ihiganwa kuzohera igenekerezo rya 23 Nzero 2015. Kuri uwo munsi wa nyuma uwuzotsinda azotwara imiriyoni 10 y’amarundi. Ariko rero n’uwuzotsinda kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2015 azotwara imiriyoni 5 z’amahera y’amarundi.
Raba aha munsi uko ushobora guhiganwa

Mariella Bukuru
Messages
30 Kigarama 2014, 04:42, par So
Umwaka mwiza Diodone uzokomeze kukubera wamata nubuki mubawe, kumavuko nomugihugu cawe.