IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Google: Ubutunzi bwarongerekanye incuro 34

Google: Ubutunzi bwarongerekanye incuro 34

jeudi 24 Nzero 2013

Ishirahamwe Google ryarashitse ku mafaranga imiriyaridi 50 z’amadorare y’abanyamerika mu mwaka w’2012,mu gihe ishirahamwe ryayo rikora amaterefone ngendanwa Motorola ryoryo ribandanya gutakaza amafaranga.

Mu mwaka uheze w’2012,ubutunzi bwa Google bwongerekanye gushika ku bice 32 kw’ijana,bwongera kandi bushika ku mafaranga imiriyaridi 50 z’amadorare ku ncuro ya mbere mu gihe inyungu yarenze imiriyaridi 10 mu gihe kitarenga imyaka cumi n’itanu.Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru wa Google Larry Page,igihe yariko arashikiriza ivyaranguwe kuri uno wa kabiri.

PNG - 25.6 ko

Ivyo bikorwa bishimishije gusumba mbere uko vyari vyitezwe,ngo vyavuye ku bikorwa bishimishije vya Google,ku bikorwa vyo kumenyekanisha bifata ibice vyababa 90 kw’ijana.Mu mezi atatu ya nyuma y’umwaka,Google yinjije amafaranga imiriyaridi 12 z’amadorare avuye mu matangazo yakozwe agaca ku murongo wa Google hamwe n’ayandi yavuye mu bagenzi ba Google.

Mu gihe rero Google yoba yaratakaje amafaranga kubera terefone ngendanwa za Motorola,Umuyobozi ajejwe ivyo ubutunzi muri Google Patrick Pichette yavuze ko Motorola itariho kugira Google itakaze amafaranga.Kuri ivyo rero,ngo Google itegerezwa kwerekana ko ishobora kugwiza ubutunzi bidaciye mu bikorwa vyo kumenyekanisha.

Nimba rero Google yarateye imbere mu mwaka uheze,ni kubera terefone yo mu bwoko bwa Smartphone Nexus 4 hamwe n’imashini ordinateur tablettes Nexus 7 na 10 zakozwe n’abasanzwe bakorana na Google.


Cynthia Ntakirutimana

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.