IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Hansima, imwe mu ndwara zidakira iguma yiha inkumbi

Hansima, imwe mu ndwara zidakira iguma yiha inkumbi

mercredi 7 Rusama 2014

Mu matohozwa yakozwe kw’isi yose, abantu bagera ku miriyoni 235 barageramiwe n’indwara ya hansima. Mu Burundi, ibice 10 kw’ijana, akaba arico gitigiri c’abantu baja kwa muganga kuyivuza.

Nk’uko vyasiguwe na muganga François Ndikumwenayo, indwara ya hansima ni indwara idakira kiretse habaye igitangaza, ifatira mu mahaha, aho usanga uwuyirwaye agira ingorane zo guhema. Ababangamiwe kurusha abandi akaba ari abana bato.
Kubibaza ko indwara hansima yoba iri indwara y’akaronda, muganga Ndikumwenayo yasiguye avuga ko ari indwara ishobora kuva ku bumere bw’umuntu canke bikavana n’ingene uwo muntu aba yarakuze.

Mu gihe kw’igenekerezo rya 6 Rusama uko umwaka utashe kw’isi yose bama bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe indwara ya hansima, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwahamagariye abantu bose kugira ikibazo c’indwara ya hansima icabo, na rirya ari n’indwara ibangamiye imiryango itari mike mu Burundi.

Ibimenyetso vy’indwara ya hansima, umuntu yobimenya gute?

Indwara ya hansima, uwuyirwaye ahema nk’uwudashikana, nk’uko umega amazuru yiwe arazivye kuko amahaha yiwe aba yazivye, agira ububabare mu gikiriza, agakorora, inkorora yiwe ikamera nk’agahehera. Ikindi naco umurwayi wa hansima ntiyihanganira imikungungu, bamwe bamwe mbere ntibabonana n’ubuyabu. Iyo hansima yaduze cane, umurwayi agira iminwa ishaka kugira ibara ry’ubururu, urukoba rwiwe rugahindura ibara (gris) canke akaza arata ubwenge.
Abahinga banonosoye ibijanye n’indwara zifatira mu mahaha, bamenyesha ko indwara ya hansima ari indwara idakira, mu kuyivura bagabanya gusa ibishobora kuyiduza mu mubiri.

Naho igitera indwara ya hansima kitaramenyekana neza gushika ubu, bimwe muvyokorwa kugira indwara ya hansima ntibandanye iduga, abaganga bahanura ko uwuyirwaye yokwirinda kuguma mu mbeho, kuja ahari imikungugu, ahantu haguye ifira canke hadasukuye, kwirinda kwegera ibitungwa vyo mu nzu, na cane cane amate yavyo, abanywa itabi nabo bakarihagarika.

Mwomenya ko imiti ya hansima "Aérosols" yagabanijwe ibiciro kugeza ku bice 50 kw’ijana ku bihugu bimwe bimwe, bivuye ku bukene bw’iyo miti buharangwa muri ivyo bihugu. Aho twovuga nk’igihugu ca Benin, Uburundi, Kenya, Soudani na Salvador bisanzwe bifashwa n’ishirahamwe ryishinze kurwanya indwara ya hansima, ADF (Asthma Drug Facility).


Bukuru Mariella

Messages

  • Amahoro bene Data jewe ndi umunyarwanda wabaye i Burundi. najewe narwaye asthme mugabo ubu yarakize kandi imiti yo kwa muganga yari yaranteze kuzungera vy’iminsi yose none nagira nfashe uwo ayirwaye mugabo ivyo ndamubarira ntaze abifate ari muri crise ahubwo abifata atari muri crise kuko bivura buhoro buhoro.
    1. Fata igitunguru 3kg
    2. tungurusumu 1/2 kg
    3. 10 kg de citron
    4. 2kg za poivron
    5. agafungo ka poireau
    6.agafungo ka persil
    7. concombre 2
    8.ubuki 1/2kg
    ubikuremo umutobe ukoresheje isekuru canke extracteur de jus kubafise ubushobozi. Abakoresha isekuru iyo umaze kusekura kimwe kimwe ukwaco, ubiza amazi agaserura ukayakuraho ukayatereka hanyuma ugasuka mo bimwe wasekuye. Vyahora ukaminina ukavanga na bwa buki de preference ugakoresha ubwo twita miel blanc kugira ntidukoresha ibitari ubuki kuko bigira risque ya sucre kubarwaye diabete. Kurabo nyene iriya 1/2 kg ya miel ntiba igikoreshejwe uko bakoresha kubiyiko kugira igisukari ntikizamuke. iyo urangije gutunganya umuti wawe ufata ibiyiko selon le poid niba ufite ibiro ijana ufata ibiyiko icumi niba ari 80 ufata ibiyiko 8. haragera ubwo wumva isukari yagushije mo kubafite diabete ico gihe bafata imihwi bakarya. Imana ibagirire neza barundi benewacu ibisigaye ubibarize kuri e-mail "[email protected]"

  • MWAGIZE NEZA KUDUHA IVYO VYIYUMVIRO VYIZA.

  • WAKOZE NEZA UMWANA WANJE YARAKIZE.UBU NDASHIMA

  • None Hansima Barayipima Bakayibona Mumubiri?Jewe Ndumuntu Nkeka Ko Noba Ndayirwaye!Muburundi Bayivurira He?

  • Ndabaramukije.Jewe Ndumuntu Nkeka Ko Ngwaye Hansima Mugabo Ntakirabinyemeza Neza Kuko Ntari Pimisha Nashaka Ndababaze Ivuriro Ryakira Abarwayi Ba Hansima Aho Biri Muburundi?Mbega Barayipima?

  • Ndabaramukije.Jewe Ndumuntu Nkeka Ko Ngwaye Hansima Mugabo Ntakirabinyemeza Neza Kuko Ntari Pimisha Nashaka Ndababaze Ivuriro Ryakira Abarwayi Ba Hansima Aho Biri Muburundi?Mbega Barayipima?

  • Nimundangire Uko Nayivuza,yamfashe Muri 2006 Gushika N’ubu.Muzoba Mukoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.