Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ibanki BDEGL izofasha cane mu gisata c’umuyagankuba
Ibanki BDEGL izofasha cane mu gisata c’umuyagankuba
lundi 24 Ruheshi 2013
Ibanki BDEGL(Banque de Developpement des Etats des Grands Lacs) isanzwe ikorana n’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini Uburundi, Rwanda, Leta iharanira Demokarasi ya Congo, ikaba ifise icicaro I Goma yakoranije abasanzwe bayihurikiyemwo bava muri ivyo bihugu kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Ruheshi 2013.
Muri iryo koraniro rizomara imisi 4 aho bariko baremeza ivyegeranyo vyakozwe kugira bashobore kuzamura iyo Banki, Leta y’Uburundi ikaba yari yaserukiwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure.
Mw’ijambo ryiwe, Laurent Kavakure yashimiye abitavye iyo nama yongera abaha ikaze mu Burundi yongera abemerera ko bazokora uko bashoboye kugira ntihagire intambamyi ihaba muri uwo mugambi wa BDEGL.
Nk’uko uwuserukira BDEGL yabimenyesheje, iyo banki yatangujwe mu mwaka w’1977 ariko ikaba yagiye irahura n’ingorane zitari nke ziturutse ku ntambara zurutavanako zagiye zibera muri aka karere, amadeni yaheraniwe aho yatanze akarorero k’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo ko arico caheranye cane kurusha ibindi bihugu.

Mu mwaka w’2012, yemerewe kuzorihwa amafaranga angana n’imiriyoni 45 hakaba hamaze kurihwa imiriyoni 11.
Nk’uko yabandanije abivuga, ubu iyo banki irafise ubushobozi bukomeye kandi bikazotuma ironka n’ayandi mafaranga izofashwa n’amakungu hamwe n’ibanki y’isi yose.
Iyo banki rero akenshi izofasha mu bisata vy’umuyagankuba na cane cane ingomero za Ruzizi ya kabiri n’iya gatatu.

Prosper Ndayikeza