IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Ibiganiro hagati ya Zebiya n’abepiskopi siwo muti

Ibiganiro hagati ya Zebiya n’abepiskopi siwo muti

mardi 19 Ntwarante 2013

Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega Musenyeri Simoni Ntamwana avuga yuko abiyumvira ko vyoba vyiza habaye ibiganiro hagati ya Zebiya n’abepiskopi Katolika ari uguhuba kandi cane.
Afatiye ku kibazo c’ibiherutse kubera ku musozi wa Businde, Musenyeri Ntamwana avuga ko kuba hari abantu bapfuye bibabaje, mbere aranahoza imiryango yabuze. Ariko rero, arahanura Zebiya n’abayoboke biwe kugamburuka bagahanurwa, kandi bakanagaruka mu ruhongore. Ivyo abivuga yishimikije umugani uri mu gitabu ceranda, w’umwana w’igishushungwe. Arongera ati:" Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi bakukira arabakunda."
Naho abivuga uko, abona ko bidakenewe ko hoba ibiganiro vyohuza Zebiya n’abepiskopi. "Ekleziya Katolika irafise uko itunganijwe; Zebiya nature ikibazo c’iwe umubano akukira wo ku musozi iwabo, binaniranye agishikane mu nama nkuru ya Paruwase, hama padiri mukuru wa Paruwase yegukira adatoye inyishu baheze babishikirize, umwungere wa Diyoseze Ngozi." Uko niko Musenyeri Ntamwana abibona.
Ku bwiwe ngo ikibazo kijanye n’ivyo kubonekerwa nticigirwa mu biganiro, ngo kuko kwoba ari kuja kubiri n’ukwemera. Umuntu ngo siwe asaba ko abantu bemeza yuko abonekerwa.


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

  • Aha nashaka kubanza gushimira uwo mwigeme Zebiya ,yatumye haba ikanguka mubantu ,kuvyerekeye ukwemera .Eka nabamukurikira bari munzira Imana yabateguriye kugira baze bashobore gutahura ivyayo . Ico bomenya nuko Imana yonyene nsa , ariyo ishobora guhindura ubuzima bwacu,nkuko yahinduye ubwa Bikira-Maria akibaruka Yezu.Muvyo natohoje ndatahuzwa , mumigenzo y’’abantu umushumba canke umukozi wo munzu ,aca kuri inarugo ashaka gusaba ikintu serugo . Ivy’’Imana suko vyifashe . Murasenga Imana yonyene nsa muyikunde kurusha ibindi vyose.

    Bana b’Imana , ntimufate uko ibintu bitari kubera mwunvise ngo vyanditswe muri Bibiliya,Amadini arakunda kwitwaza Bibiliya iyo ariko aravuka . Nico gituma mwohagabira kuko twese duhiga kumenya ingene twomenya , twoshobora kubona Imana ,gushika mubwami bwayo , duhiga ingene twosaba ikigorwe Imana ikadusubiza muri Paradizo. Nico gituma nobakebura mugatangura gusoma Bibiliya muhereye kuntango naho woba warayihejeje kuyisoma, hama wicishe bugufi , usabe Imana gutahura ivyahishijwe muri iyo Bibiliya , ikurungikire mutima mweranda kugira akurinde ntusubire inyuma mukwemera kwawe. Tega amatwi uwo wese aje afise ico avuga ku Mana ,nturindire gusa ngo Padili , Pastor , Sheh , Temoin de Jehovan nibo bashobora kuzana ubutumwa bw’’Imana gusa. Kuko Imana nuko ivugisha ivyo yaremye ,ntuze uyitege ukundi, kuko ubwami bwayo ntibuza,hamwe ushobora kuvuga ngo buteye hariya canke ngaha.Umaze gutegura umutima wawe mutima mweranda arakugendera ,ukabona gutahurirwa kubibazo vyose warufise kuri Bibiliya. Noshimako twoguma twigishanya ,umwe wese ivyo amaze guhishurirwa . Uwuvyifuza yokwandika kuri facebook ,kuwufise guhindura ibi vyanditswe mururimi rw’Ikirundi muzindi ndimi ,arashobora kubikora ,message yacu igashikira nabatumva Ikirundi naho Imana ifise abo yahaye ubwo butumwa bamwe bamwe mubihugu vyose.Ntimwibagireko dutegerezwa guhinduka mumitima yacu mukugira tuze dutahure ivy’’Imana yari yaraduteguriye igihe yaturema.

    Ndakeneye intererano y’’ivyiyumviro vyanyu imbere yo kubandanya kuvuga , ibikenewe kugira duhinduke. Abemera baciye mumadini, amatagira amadini ,baratumiwe . Intererano zabo zirakenewe.

    Reka nishure gato kuwabajije ivyahishijwe mubuzima bwokuba kuri iyi si.
    Mwavyumvise kenshi mumashengero,mumisigiti,muvyanditswe,kubazanye ubutumwa kumunwa ; kwata ku jugeant (ne juger point),ntimugace imanza mais biragoye ngaha kwisi kubera imigenzo yabantu bigize incabwenge yogutandukanya ikibi niciza.Bitwaza ngo vyanditswe muri Bibiliya, nashaka gukebura aha abifuza kumenya , iyo wumvise inkuru ,ntukayijuger ngo nimbi canke ninziza ,rindira ikivamwo hama ufate neza ikizovamwo cose.Iyo niyo ngendo dukwiye gufata,niho tuzoba twaratahuye igicumuro cinyanduruko. Guhiga kuba nk’Imana(kumenya ikibi n’iciza),ico nico catumye duhanwa.
    Imana imaze kutuvuma urazi ivyakurikiye , ubuzima bwo ngaha kwisi.Nzoza ndababwira mpereye ingene vyatanguye naho biteye ubu ,kuko abantu benshi baraciruka inyuma yivyanditswe muri Bibiliya bibazako vyose ari ibizobashikana kumana .Bataramenya gutandukanya Umuvumo n’’Umugisha , twebwe rero ngaha kwisi twacaguye kw’’ibera mumuvumo kukutamenya ,kubera imigenzo yabakera yatuzingamitse kubera benshi batatahura.
    Reka ngeze aha uno munsi nzobandanya hanyuma ikibazo cawe.
    Kumenya ibimenyetso vy’ibihe birakomeye bane b’Imana nico Bibiliya itwiganira.Abantu barakunda kwitwaza Bibiliya nkikirwanisho ,nguyemera ,uyigendana ngo ntagicumuro urwamwo, nta shetani mushobora guhura ngo kuko ari igitabo c’Imana.

    Bibiliya.Mais aha urakeneye kumenya ico Yezu yaje gukora aha kwisi neza .Mumajambo make, Yezu ntaco yaje guhindura kuvyo Imana yari yaduteguriye ikiturema ,kandi ntiyaje guhindura imitima yabadashaka ,kandi nkuko yongeyeko ,ntiyazanye amahoro kw’isi , yazanye inkota (ijambo ryiwe) rizotuma imiryango icanamwo,aho abo munzu bacanamwo ,umugore agacanamwo,numugabo wiwe , agacanamwo n’’umukobwa wiwe,se agacanamwo n’’umuhungu wiwe. Aha sinzi ko wumva ico yashatse kuvuga ?

    Imana iradukunda nico gituma iguma igerageza ingene twotahura, tugahinduka , tugasaba ikigorwe ,ikadusubiza muri Pardizo. Nico gituma imaze kuduhana c.a.d guhana abo dukomokako Adam

  • IBIRORA KU MANA TUVYITONDERE.IVYOTUBONA TUBITAHUZE MU GISABISHO,MU MPANURO,...IMANA IZODUHA IVYAYO KU BUNTU BWA YO,MUTIMA MWERANDA ATUYOBORE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.