IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Icukurwa ry’ubutare ridakurikije amategeko kimwe mu bihungabanya (...)

Icukurwa ry’ubutare ridakurikije amategeko kimwe mu bihungabanya umutekano

mercredi 14 Rusama 2014

Abacukura ubutare bidakurikije amategeko, uretseko bahungabanya umutekano mu gukwega indyane mu bantu, barahungabanya umutekano mu gisata c’ubutunzi.

Uburundi rero kuva ku wa 1 Ndamukiza uyu mwaka, bukaba bwarasubiye kwugururirwa imiryango kugira bushobore gushora ubutare bwa cassitérite, wolframite na colombo-tantalite, inyuma yaho mu mwaka w’2012 bufatiwe ibihano kudasubira gushora ubwo butare.

Come Manirakiza umushikiranganji w’ubutare n’agataka, akavuga ko inama igira gatatu y’umuryango CIRGL (Conférence internationale des pays de la région des Grands lacs) yashoboye gushika ku kuntu icukurwa ry’ubutare ridakurikije amategeko ryorwanywa bimwe vy’akarorero. Iryo cukurwa ry’ubutare ridakurikijwe amategeko rikaba ryagirizwa ndetse kutubahiriza ibidukikije na cane cane ko, rihonya ibikoko hamwe n’amashamba. Ubutare bwacukuwe bukaba busigaye bushorwa ari uko bubanje gushirwako ikimenyetso, kugira bigaragare iyo bwaje buva, kandi ko bushowe hakurikijwe n’amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.