IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Igiciro c’ikiro c’ikawa y’Uburundi casubiriye kugabanuka

Igiciro c’ikiro c’ikawa y’Uburundi casubiriye kugabanuka

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Igiciro c’ikawa y’Uburundi caheruka kuduzwa casubiriye kumanuka kiva ku mafaranga y’amarundi amajana atandatu ku kiro (600Frs/Kg) gishirwa ku mafaranga amajana atanu na mirongo itatu y’amarundi ku kiro (530Frs/Kg). Mu gisata gikurikirana ivy’ikawa INTERCAFE bamenyesha ko vyavuye ku giciro mpuzamakungu c’ikawa.

Abarimyi b’ikawa mu Burundi bari banezerejwe n’ukubona igiciro c’ikawa kidugijwe, bakameyesha ko bagiye kuhungukira. Uwo munezero wabo wamaze akanya gato, kuko mu gisata INTERCAFE kijejwe gukurikirana ivy’ikawa y’Uburundi bamenyesheje ko igiciro c’ikawa mu Burundi cakorotse kiva ku mafaranga y’amarundi amajana atandatu ku kiro (600Frs/Kg) gishirwa ku mafaranga amajana atanu na mirongo itatu y’amarundi (530Frs/Kg).

Oscar Baranyizigiye, umunyamabanga mpuzabikorwa wa INTERCAFE amenyesha ko ico giciro camanutse kubera ibiciro mpuzamakungu vy’ikawa.
Abarimyi basabwe kwihangana, barindire indwi zibiri, kuko ariho mu gisata kijejwe gukurikirana ikawa y’Uburundi INTERCAFE bazoraba namba igiciro c’ikawa y’Uburundi coshobora gusubira kuduzwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.