Accueil > Ubuhinga bwa none > Ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu wahariwe gutumatumanako amakuru
Ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu wahariwe gutumatumanako amakuru
vendredi 17 Rusama 2013
Ishirarahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ugutumatumako amakuru risaba ko ibihugu vyose kw’isi vyohimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ugutumatumanako amakuru kw’igenekerezo rya 17 Rusama uko umwaka utashe.
Mu Burundi, uwo musi mukuru wahimbarijwe muri Hotel Source du Nil mu birori vyari vyitabwe n’abahinga n’abakora muri ico gisata.
Mw’ijambo ry’ugutanguza ibikorwa vy’uwo musi, uwaserukiye umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka yamenyesheje ko naho ubwo bushikiranganji bumaze igihe gito bushizwe, imyaka igera kuri cumi n’indwi ariyo iheze ico gisata gitanguye gukora mu gihugu kandi ko kiriko kiratera imbere ku buryo bushimishije.
Yamenyeshe ko ingaruka z’ukwo gutera imbere zitabura kuko kenshi hari amasanganya y’imodoka atumwa n’ukutitwarika, aho usanga abagendesha imiduga bariko bavugira kuri za telephone ngendanwa.
Ni muri iyo ntumbero hari hateguwe ibiganiro hagati y’abo vyega ku civugo “Ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru mu kubungabunga umutekano wo mw’ibarabara”
Abafashe amajambo bose bahurije ku ciyumviro ko abagendesha imiduga barenza urugero mu gusamara, n’amasanganya agaca aba menshi. Nk’uko vyashikirizwe na Ferdinand Ngendabanka, ibiharuro vyakozwe vyerekana ko abantu bagera ku muriyoni umwe n’igice kw’isi aribo bahitanwa n’impanuka zo mw’ibarabara bitumwe n’abagendesha imiduga baba bariko bakoresha ubuhinga ngurukana bumenyi canke baba bariko bakoresha terefone ngendanwa.

Abari muri ico kiyago bahurije bose ku ciyumviro ko ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bukoreshejwe neza bwofasha mw’iterambere ry’igihugu hatibagiwe umutekano wo mw’ibarabara.

Inzego z’igipolisi zasabwe gukurikiza ibihano bihabwa abafashwe bariko bakoresha ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru kandi bariko batwara umuduga, impusha zo kugendesha imiduga nazo zigahabwa ababikwiye kandi berekanye ko bakurikiranye ivyigwa.
Egide Nduwimana