IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Ibanki nkuru y’igihugu yongereje ikiringo co gukoresha inoti za (...)

Ibanki nkuru y’igihugu yongereje ikiringo co gukoresha inoti za kera

mercredi 29 Mukakaro 2015

Ikiringo catanzwe n’ibanki nkuru y’igihugu co kurangiza gukoresha inoti za kera carangiye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Mukakaro 2015.Iyo banki yafashe ingingo yo kwongerako ukwezi.

Inoti nshasha zasohowe n’ibanki nkuru y’igihugu, ni inoti y’1000,iya 5000,inoti y’2000 n’inoti y’500.Ibanki nkuru y’igihugu yamenyesheje ko izo noti nshasha ziramaba kuko zifise uburinganire buto,bigatuma zoroha kubika.

Mu gihe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 29 Mukakaro ariho ikiringo co gukoresha inoti za kera kirangira,ibanki nkuru y’igihugu yafashe ingingo yo kwongerako ukwezi gushika kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro.

Abanyagihugu barashima iyo ngingo,kuko mu ntara zimwe zimwe,abanyagihugu bamwe bari batanguye kwikika mu kiza aho bagurisha inoti nshasha ku bafise inoti za kera.Uwufise ibihumbi icumi vy’amafaranga ya kera,bamuha ibihumbi umunani vy’amafaranga mashasha.

Mwomenya ko inoti z’1000,n’100 zitarahindurwa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.