IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ikiza Ebola twokimenya gute? candukira gute? twocikingira gute (...)

Ikiza Ebola twokimenya gute? candukira gute? twocikingira gute ?

mardi 26 Myandagaro 2014

Ikiza ca ebola n’indwara imwe mu ndwara zitikiza inganda kw’isi yose, igatera ubwoba n’uruhagarara mu makungu kuko ata muti canke urucanco ruyikiza ruraboneka. Ico kiza ntigitora, gifata uwariwe wese.

Mbega none twokimenya gute?bacandura gute?uburyo bwokucirinda n’ubuhe?

Uwanduye iyo ndwara yerekana ibimenyetso vy’ubushuhe bwiyadukiza burenze buherekejwe n’uburuhe bw’umubiri canke akagira intege nke (asthénie), ububabare mu mitsi (myalgie),ukumeneka umutwe (céphalée) hamwe n’ububabare bwo mu muhogo. Hagaca haza munyuma ugucibwamwo, ukudahwa, ukwiyaga k’umubiri hakazako amabara atukura, amafyigo n’igitigu ntibisubire gukora neza, ukuva amaraso no kuvirirana indani mu mubiri (hémorragie externe et interne), mugupfa umutima urahagara (choc cardio-respiratoire) kubice 50 kuri 90 kw’ijana vy’abagwaye ebola.

Umwanya uri hagati yokwandura n’ukugaragaza ibimenyetso vy’iyo ndwara n’imisi 2 kuri 21, ariko kenshi ni hagati y’imisi 4 kuri 9. Urupfu rukaza inyuma y’imisi 6 gushika ku misi 16. Kubatishwe niyo ndwara ibasigamwo ingorane zikomeye zo mu mitsi, z’igitigu n’izo mumaso.

Umuntu ayandura iyo ibiva mu mubiri (amaraso, amate, intanga, n’ibindi biva mu bihimba vy’irondoka vy’abakenyezi…) vy’uwuyigwaye bimugiyeko ku mubiri, yapfuye canke atarapfa; iyo akoze ku gikoko, kizima canke capfuye, canduye uwo mugera. Ebola ishobora n’ugufata abaganga mu gihe ivyuma bakoresha bidateguwe neza (stérilisation), igakwiragira mu karere katagira amazi n’isuku, kikandukira benshi kubera imigenzo dufise muri Afrika yokwoza ikiziga hanyuma abantu bose bamufuvye bagakarabira mu ndobo imwe, umuryango n’abagenzi b’uwo yishwe na ebola ikabandukira muri ubwo buryo.

Mu kuyikingira n’ukwica ibikoko vyanduye bakabihamba canke bakabiturira ariko umuntu akabanza kwambara impuzu zituma atandura (gants et masques), bakabizitirira ntivyanduze ibindi bitungwa, n’uguteka neza amata canke inyama imbere yo kubifungura, abanyagihugu bakigishwa ingene uwo mugera bawandura n’ingene bowikingira, bakigishwa ingene bohamba abishwe nico kiza batiyanduje, bagashira kure abamaze kuwandura.


Nadege Irakoze

Messages

  • ntimugire ubwoba muburundi mwari musaganywe ebola dd ebola imbonerakure iyo ntizobananira

  • Hahahhaha Nwari sha nawe wapararanganye usigaye uvanga amadosiye umuti waba DD ni Mbonerakure uriho buca tuwubavugutira none ntiwumvise ko uwa Ebola atawo!

  • twebwe Ebora uburyo twayirinda nko mubantu barya hanze nugushiraho abaganga kumipa. nkuko aha mu rwanda babikoze benewacu rekadufatante tuyiranye Ebora iruta ikiza ruhonyanganda SIDA COURAGE

  • Umunsi Ebola yoshika i Burundi; nta nkeka ibara ryoba riguye kubera isuku rike n’ uburyo budashemeye.Mbe nkubu Leta ntiyoba iritegura kugira hamwe hogira ikiba ntituje kujuragirika.Nkubu twokwumva ngo mu Rumonge hapfuye abantu babiri bishwe ni yo ngwara twoja ngaho tukagwa mu gahundwe isinzi ry ’abarundi banduye ko nzi ko mu guherekeza abo bapfuye twosidukana n’iyonka tugiye kuyandura. Umve kuva ubu Leta ni imenyereze abantu kutagenda ari isinzi ku maziko.Hanyuma basubire guhimiriza indamutso y’amahoro, mu buriro nibahimirize utuzu twa surwumwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.