Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Indwara ya kanseri, mu kibanza ca gatatu mu gutikiza inganda (...)
Indwara ya kanseri, mu kibanza ca gatatu mu gutikiza inganda kw’isi
mardi 4 Ruhuhuma 2014
Uko umwaka utashe, igenekerezo rya 4 Ruhuhuma, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya kenseri. Kuri ako karyo, Uburundi bukaba bwifadikanije n’ibindi bihugu vyo kw’isi mu guhimiriza abanyagihugu kurwanya ico kiza biciye mu civugo bise “ Twemange mu kuvuga indwara ya kanseri”.

Indwara ya kenseri n’indwara gushika ubu itazwi neza mu buryo ifata na cane cane ko n’ibimenyetso vyayo bidashoka vyibonekeza kuwayirwaye, nka kurya biboneka ku zindi ndwara. Nk’uko vyashikirijwe na muganga Louis Ngendahayo, mu kiganiro cari categuriwe abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri wa 4 Ruhuhuma 2014, indwara ya kanseri, n’indwara igira gatatu kw’isi mu gutwara inganda z’abantu kandi igasinzikaza ni ngonga mu gihe itavuwe kare.
Bimwe mubitera iyo ndwara ya kanseri ariko bishobora kurwanywa mu kuyikingira, hari ukunywa itabi, kugira indenzarugero mu kunywa inzoga nyinshi, mu gufungura inyama zitukura canke zo mu makopo, kutagira imyimenyerezo, kugira ibikomere bidakira, kunywa imiti myinshi hamwe no kuja ku zuba umwanya muremure.
Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, abageramiwe n’indwara ya kanseri kw’isi akaba ari abakenyezi bageze mu myaka yo kuca imvyaro kurusha abagabo. Ibice birenga 85 kw’ijana vy’abakenyezi bagera ku 275 000 bapfa ku mwaka ku mwaka, bakaba bava mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Hano mu Burundi amatohoza yerekana ko indwara ya kanseri na cane cane yo mu mabere, ibangamira abakenyezi bakiri munsi y’imyaka 35.

Mu ntumbero yo kugabanya impfu zivuye ku ndwara ya kenseri, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwahamagariye abantu bose, abagabo n’abagore kwama bisuzumishije, mu kwipimisha igihe cose babonye ko hari ikidagenda neza mu mubiri wabo, kwirinda gukora ibitera iyo ndwara nko kunywa itabi ritera kanseri yo mumahaha, n’ahandi, kutagira imyimenyezo canke gufungura imfungurwa zibujijwe kurenza.
Mwokwibuka ko indwara ya kanseri ibangamira cane ibihimba bitoroshe kuyibona ningonga kugira ivurwe kare. Aho twovuga nko mu mahaha, mu mushishito cane cane ku bagabo, mu bihimba vy’irondoka no mw’ibere ku bakenyezi. Ari nayo mpamvu bisabwe kwisuzumisha no kwipimisha igihe cose.
Mariella Bukuru
Messages
30 Ruheshi 2017, 09:26, par Dida Nzoyisnga
ko Mwavuze Ko Mukuyirind Tutoja Kuzuba Umwanya Muremure, Abasanzwe Tur Abarimyi Ko Turima Kuzuba Twoca Duheba Kurima ? Gira Ico Mudufashije À Sa.