IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Indwara ya kolera yasubiriye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura

Indwara ya kolera yasubiriye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura

samedi 18 Rusama 2013

Indwara ya kolera yasubiriye kwibonekeza mu bice bimwe bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe Leta y’Uburundi nayo yafashe ingingo zo kuyituza.

Leta y’Uburundi yahagurukiye ikibazo c’isuku n’amazi yakoreshejwe ava mu mazu no mu mahinguriro. Hakaba hategekenwa gushiraho itegeko rigenga abakora isuku mu bisagara vyo mu Burundi, cane cane i Bujumbura.

Kuva ku munsi iwa kabiri igenekerezo rya 14 Rusama 2013, i Bujumbura,
umushikiranganji w’amazi, ibidukikije n’ugutunganya igisagara, ari kumwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu bariko baragerageza gutunganya ibikorwa vy’isuku mu gisagara ca Bujumbura, umugambi uzotangurira muri komine Buyenzi, hanyuma uzobandanye no mu zindi komine zo mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Abo bashikiranganji bompi bibutsa ko ico gikorwa c’isuku mu gisagara ca Bujumbura cegukira ishirahamwe SETEMU (Services Techniques Municipaux), abanyagihugu n’ubutegetsi nabo bagafasha. Bamenyesheje ko ihangiro ari ugushiraho uburyo bwo kwegeranya no gukura imicafu yo mu gisagara ca Bujumbura.

Ugutororokanya amazi mabi yakoze, bizofasha kurwanya indwara zituruka kw’ isuku rike nka kolera, n’ikiyaga Tanganyika kizokingirwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.