Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Inyuma y’akamo kabatari bake, yahavuye asanurwa
Inyuma y’akamo kabatari bake, yahavuye asanurwa
vendredi 6 Ruhuhuma 2015
Amabarabara abiri yari yarasinzikaye rwose yo mu gisagara ca Bujumbura ariko arasanurwa.

Ayo nayo akaba ari ayitiwe Amitié na Mission. Ayo mabarabara yari amaze igihe yarimburutse, abayacamwo bose, bakavuga ko vyari biteye isoni, aho amabarabara yinjira hagati mu gisagara ca Bujumbura ashobora gutabagara abarongoye ibisata bitandukanye bijejwe amabarabara n’ibindi vy’intwaro barorera. Ibikorwa rero vyo gusanura ayo mabarabara, bikaba bizomara igihe c’iminsi 90 hamwe hatoba akandi kagorane. Ibikorwa vyo kuyasanura, bikaba vyafashijwe na PNUD (programme des nations unies pour le développement), ariko bikazoca bikurikiranwa na CTB (coopération technique belge).
Ivyo bikorwa rero vyo gusanura ayo mabarabara bikaba biriko bikorwa n’abantu batari bake. Ariko rero nk’uko bivugwa n’abariko barakurikirana ivyo bikorwa, ibura ry’imihora itwara amazi y’imvura, co kimwe n’iyubakwa nabi ryayo mabarabara akaba arivyo ntandaro yo kubomoka kwayo.

Aristide Nizigire