IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Jeanne Gapiya : Umuntu wese akwiye kugira uruhara mu kugwanya ikiza ca (...)

Jeanne Gapiya : Umuntu wese akwiye kugira uruhara mu kugwanya ikiza ca SIDA

lundi 1er Kigarama 2014

Umuntu wese akwiye kugira uruhara ruboneka mu kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, kuko nta muntu yari akwiye guhitanwa nico kiza kandi imiti yarabonetse, ivyo vyashikirijwa na Jeanne Gapiya, aserukira ikigo ANSS citaho abagendana umugera wa SIDA.

Mu gihe Uburundi n’amakungu bibuka kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 1 Kigarama umunsi wahariwe kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, ikigo ANSS kikaba catunganije ibikorwa bitandukanye ku civugo "Twese hamwe twunge urunani kugira abagendana umugera wa SIDA bashobore kuronka imiti ipfupfahaza, n’abana ntibasubira kwandura".

Nk’uko vyamenyeshejwe n’uwuserukira ikigo "TURIHO" ca ANSS, Umupfasoni Liberat Ndayizeye, umunsi mpuzamgakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ni akaryo ko gusubira kuyagira abarundi ibijanye n’ico kiza ca SIDA. Kubwa Liberat Ndayizeye, ikiza ruhonyanganda SIDA kiracibonekeza mu mihingo itandukanye yo mu gihugu, kuko si bose barajijuka kugira bipimishe bongere bamenye uko bokwikingira basanze baranduye.

Uwo arongoye ikigo TURIHO akaba yagarutse ku bikorwa birangurirwa muri ico kigo, nko gupima mw’ibanga umugera wa SIDA, kwitaho abamaze kwandura no kubahanura kugira bamenye uko bigenza hamwe n’uko bokingira imiryango yabo.

"Uyu munsi si uwo guhimbanza umunsi wahariwe kugwanya SIDA, ahubwo ni akaryo ko kwibutsa abarundi ko ico kiza ca SIDA kitarahera burundu, ahubwo abarundi bose ndetse n’abategetsi bakwiye gushira inguvu hamwe kugira barandurane n’imizi ico kiza", nkuko vyashikirijwe n’uwuserukira ikigo ANSS, Jeanne GAPIYA.
Mw’ijambo ryiwe, Jeanne GAPIYA yasubiriye kwibutsa uruhara rw’umushingantahe mu gukinga ikiza ruhonyanga SIDA mu miryango, na cane cane mu gukingira ibibondo bikiri mu mbanyi. "Umwana si uwumwe, umwana ni uwa babiri, abagabo bakwiye kugira uruhara rukomeye, bakareka kwica amatwi."

JPEG - 420 ko
Jeanne GAPIYA, aserukira ikigo ANSS

Jeanna GAPIYA ahamagarira abavyeyi bibungenze kwegera abaganga kugira babafashe kuvyara abana bakomeye, ndetse n’ubutegetsi bugasabwa gukwiragiza imiti yo gupfupfahaza nk’iyo bita "Troisième ligne" kuko itabonetse hari abantu benshi bahasiga ubuzima.


Alida Sabiteka

Messages

  • Koko hariho abantu batarajijuka mu kwirinda icokiza,ubabwiye bipimishe bakanka,.jewendazi umugabo yasavye umukenye ziwiwe ngo bipimishe akamwankira,gushika n’ubu icuka si ciza hagati yabo,tukababwira ko uwo mugore yarahiye ko atazopfa agiye kwipimisha,uwo mugabo afise amakenga.Tubasaba ko mwofasha abo bantu mutange iciyumviro,kur’umwe wese ico yokora na rirya bafise abana batatu,umukuru yiga en2ème année, ntawuzi rero igituma uwo mugore yankira uwo bubakanye kwipimisha.kandi bivugwa ko abagabo badakunda dépistage.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.