IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Kenya : Umwigeme w’imyaka 23 yanduje SIDA abagabo 300

Kenya : Umwigeme w’imyaka 23 yanduje SIDA abagabo 300

vendredi 13 Nyakanga 2013

Umwigeme yiga muri kaminuza y’i Nairobi mu gihugu ca Kenya, yashize ahagaragara urutonde rw’abagabo amajana atatu yanduje umugera wa SIDA, inyuma y’uguhuza ibitsina n’abo bose, mu myaka mike iheze.

Nk’uko vyandika na Kenya Post, ikinyamakuru candikirwa aho mu gisagara ca Nairobi, uyo munyeshure wo muri kaminuza y’i Nairobi, yatangaje urwo rutonde kuri uyu wa munani Nyakanga uyu mwaka. Uyo mwigeme asanzwe yiga mu mwaka wa gatatu mu gisata c’ubuhinga, yavuze ko muri abo bagabo amajana bahuje ibitsina, atanumwe yigeze akoresha agakingirizo. Ico kinyamakuru candika ko uyo mwigeme yivugiye wenyene ko muri abo bantu bagiye barahuza ibitsina, harimwo bamwe mu bayobozi bakomeye b’igihugu, abashikiranganji, abasirikare, n’abandi banyacubahiro.

Uyo mwigeme rero avuga ko abagabo bamwinginga cane ko yoryamana nabo, kandi bo nyene bakaba aribo bisabira ko batokoresha agakingirizo, maze bahejeje bagaca bamuha amafaranga menshi, n’ibintu vyinshi vyagaciro. Avuga ko n’abasore bamusaba ko boryamana, muri bo hakaba hari abanka gukoresha agakingirizo. Avuga ko hari abo yankira, kuko abona bakiri bato, akabagirira impuhwe z’ukubanduza SIDA. Avuga ariko ko abasore atari benshi, kuko abasore bakenye batoronka ivyo kumuhonga bikwiriye. Kenya Post candika iyo nkuru, nticatanze izina ry’uyo mwigeme w’imyaka 23 y’amavuko, yanduje umugera abasore n’abagabo 300.

bamwe mu badandaza umubiri

Kuva aho urwo rutonde rugiriye ahabona, abantu benshi aho mu gihugu ca Kenya boba imitima yabo iri hejuru, na cane cane abaryamanye n’uyo mwigeme. Uyo mukobwa rero akaba yabariye abanyamakuru ko abo bagabo bose yaryamanye nabo, afise inomero zabo za terefone kandi ko yiteguriye kubibabarira, canke akarondera ubundi buryo iyo nkuru mbi yobashikira, kugira batangure gufata imiti yo guhoyahoya ico kiza. Ndetse akaba asaba abo bose baryamanye nawe, ko batoreka gufata imiti, kuko baheza bakaba barabayeho, bakarera abana babo, n’ugukurikirana ivyabo.

Uyo mwigeme w’imyaka 23, avuga ko ivyo abishize ku mugaragaro inyuma yaho yakiriye uwami Yezu Kristu ( Yesu Kristu) ndetse akemera ko agiye gukorera Imana, akava mu bikorwa vyo kudandaza umubiri vyari vyaramutwaye. Uyo mwigeme rero akaba aheraheza asaba imbabazi abasore yasambanye nabo, muri abo harimwo abo biganye muri kaminuza, akavuga ko atariwe, ahubwo yari Shetani (Satani).

bamwe mu badandaza umubiri

Aristide Nizigire

Messages

  • Akonakamaramaza kwica abantu bangana uko ntaho atanye nashetani

  • UWOMUNTU YOKWIGUMYA NTIYANDUZ ABANDI

  • JEWE ICOMBONA KOVYAMENYEKANYE BAKABA BAMUMENYE IGIPORISI NIKIMUFATE ABAZWE KWICOCAHA COKWICA KANDI AKABA ANACEMERA HANYUMA INTAHE IMUKUBITE MUGAHANGA.

  • Akonakamaramaza abashingantahe bose.
    Nibamumenya bomwiyicira

  • Akwiye gufatwa akanyongwakuko numwicanyi stagira urugero

  • Uyo mwigeme ntanumwe yakuye muhira kuko abagabo basiga abagore babo muhira abo yagiriye nabi nabasore aho naho yihanye.

  • Uwo muntu ni bamuharire ko nawe yiyumviriye kwakira umukiza.

  • YEMWE GA YEE!
    EMWE URIKO URABIRABA WOMENGA BIRASIZE UBWENGE:

    HAMWE UTI
    N’UBWICANYI BW’AGAHOMERABUNWA KUKO ABANTU BARENGA AMAJANA ATATU ARI BO BITEZE KUZOPFA KUBWIWE; KANDI ABO NABO BARASHOBORA NO GUHITANA ABANDI BANTU.

    IKINDI NA CO,UMENGO YOKWAGIRIZWA ISESAGURWA RY’UBUTUNZI BWA LETA YA KENYA,KUKO LETA IZOSOHORA AMAHERA MENSHI MU KUGURA IMITI Y’ABARWAYI BA SIDA.

    URUMVA MURI LETA, UWO MUKOBWA YOKWAGIRIZWA IVYAHA BIBIRI CANKE BIRENGA (UBWICANYI BW’IKIVUNGA,HAMWE N’ISESAGURWA RY’UBUTUNZI BW’IGIHUGU).

    UMENGO UMUNTU YOCA AVUGA ATI "ARIKO UYO MUKOBWA NAHO YIHANYE,YAR’AKWIYE GUCA IMBERE Y’UBUTUNGANE,BUKAMUBOHORA HANYUMA N’IMANA NA YO IKAMUBOHORA."

    ARIKO BURYA,IMANA IRASHOBORA GUKORA IKUNTU KU MUNTU CANKE KU BANTU,MBERE NO KU GIHUGU,IFISE IYINDI NTUMBERO.

  • Ntakundi !abasigaye batanduye bohakura icirwa. Kandi ico nico kibi co kurenga ibigo.

  • ntacaha kidaharigwa niba koko yarihany icaha nokintu ciza kuri jew nabashe yezu barahariw nibza ko ntacaha gisumbico ikind abagabo nabsore nituakur icigwa tugwiz kwihangana nukugumana nabo twasezerany

  • yooooooooooooo.nakamaramaz uyomukobwabakwiye kumuturira

  • Urwishigisgiye ararusoma . Iyo atandaraje ukinjiza birakureba Uwo mugore bamureke ntawe yafashe kungufu. Ahubwo tuhigire isomo!!! Ifate koresha agakingirizo mwipimishe!!!

  • Uwomwigeme ntakosa narimwe afita nacane cane ko yababwira bambare agafuko bakanka;nibabe bareka kurenga ibigo.bamenyeko inyuma yakanyarehaza akanyarire.

  • None nikuki bakimurondera atababwiza ukuri bakamenya uko babigenza ariko ntimubona neza ko uyo mwigeme yashaka gukora nkivyo abandi bamugiriye ntibamuhishuke nawe ati sije nohahera mugabo ko yasavye imbabazi arazikwiye kuko nubundi naho mutomuha izo mbabazi abo yanduje ntibari bukire bose bazopfa.

  • None nikuki bakimurondera atababwiza ukuri bakamenya uko babigenza ariko ntimubona neza ko uyo mwigeme yashaka gukora nkivyo abandi bamugiriye ntibamuhishuke nawe ati sije nohahera mugabo ko yasavye imbabazi arazikwiye kuko nubundi naho mutomuha izo mbabazi abo yanduje ntibari bukire bose bazopfa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.