Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Koweit yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi
Koweit yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi
jeudi 21 Munyonyo 2013
Inyuma y’umubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yahaye Abdulwahab Albader, umuyobozi w’ikigega c’iterambere n’ubutunzi muri ya nama igira gatatu iriko ihuza ibihugu vy’Afrika n’ivyabarabu, yarashimiye cane ico kigega kubona caremeye guha igihugu c’Uburundi ingurane y’imiriyoni 100 z’amadolari y’Amerika, azofasha mu kwubaka ibarabara rya Nyamitanga-Bujumbura rigera ku birometero birenga gato 30.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nkurunziza akaba avuga ko ubucuti n’ugufashanya kw’Uburundi n’igihugu ca Koweit atari ivy’ubu gusa, kuko haheze imyaka 40, ukwo gufashanya kuriho. Abo bategetsi bose rero bakaba baranavuganye ibijanye n’ibarabara rifatanya Mutambara (Rumonge) na Nyanza-Lac, ku birometero 75. Ivyirwa kuri uyo mugambi wa Reta w’ukwubaka iryo barabara bikaba bizotwara amafaranga angana imiriyoni 90 z’amadolare y’Amerika, ayo akaba ariho muri iki gihe, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu. Ico kigega rero kikaba cemereye Reta y’Uburundi imfashanyo ingana n’amadolare y’Amerika 5,260,545, azofasha muri iyo migambi y’iterambere.
Tukaba twobamenyesha ko ikigega ca Koweit c’iterambere n’ubutunzi cemeye kuzofasha Uburundi muyindi migambi y’iterambere.
IGIHE