Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koweit yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Koweit yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi

Koweit yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi

jeudi 21 Munyonyo 2013

Inyuma y’umubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yahaye Abdulwahab Albader, umuyobozi w’ikigega c’iterambere n’ubutunzi muri ya nama igira gatatu iriko ihuza ibihugu vy’Afrika n’ivyabarabu, yarashimiye cane ico kigega kubona caremeye guha igihugu c’Uburundi ingurane y’imiriyoni 100 z’amadolari y’Amerika, azofasha mu kwubaka ibarabara rya Nyamitanga-Bujumbura rigera ku birometero birenga gato 30.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nkurunziza akaba avuga ko ubucuti n’ugufashanya kw’Uburundi n’igihugu ca Koweit atari ivy’ubu gusa, kuko haheze imyaka 40, ukwo gufashanya kuriho. Abo bategetsi bose rero bakaba baranavuganye ibijanye n’ibarabara rifatanya Mutambara (Rumonge) na Nyanza-Lac, ku birometero 75. Ivyirwa kuri uyo mugambi wa Reta w’ukwubaka iryo barabara bikaba bizotwara amafaranga angana imiriyoni 90 z’amadolare y’Amerika, ayo akaba ariho muri iki gihe, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu. Ico kigega rero kikaba cemereye Reta y’Uburundi imfashanyo ingana n’amadolare y’Amerika 5,260,545, azofasha muri iyo migambi y’iterambere.

Tukaba twobamenyesha ko ikigega ca Koweit c’iterambere n’ubutunzi cemeye kuzofasha Uburundi muyindi migambi y’iterambere.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.