IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Kutagira umugambi bisa n’inka ituruka itazi iyo ija n’aho igarukira

Kutagira umugambi bisa n’inka ituruka itazi iyo ija n’aho igarukira

lundi 22 Ndamukiza 2013

Ibura ry ‘akazi mu gihugu ryatumye urwaruka ruhejeje amashure rwihebura, bamwe baja ku marigara, abandi baja mu biyovya ubwenge, abandi bakaja mu buhumbu.

Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe Vision Plus ryatunganije inyigisho kuri uyu w’ Imana igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka w’2013, ku civugo: ” La meilleur façon de prédire l’avenir c’est de le créer.” Izo nyigisho zari zifise intumbero yo gukangurira urwaruka kuticarika ubumenyi bwabo baronkeye ku ntebe y’ishure.

Ico civugo rero nico cari cakoranije urwaruka ruhurikiye muri Vision Plus, kugira bumve uko abandi bategura imigambi, intambwe zo gutegura imigambi, ibisabwa kugira umugambi uje mu ngiro,n’ibindi.

Abaremesheje ico kiganiro bari Nkezabahizi Jiriberi hamwe na Emile Uwezowamungu.
Nk’uko bishikirizwa n’abatanze izo nyigisho, urwaruka rwinshi ruracafise mu mitwe yarwo ko Leta ariyo izobaha akazi, inyuma yo guheza amashure, ariko siko biri kuko uravye abaronka ubuzi muri Leta ni bake,bagasaba urwaruka kuva ku ma rigara n’ukwirirwa mu bunywero, bakaja hamwe n’abandi kugira bategure imigamgi ibateza imbere, imigambi ishobora guteza imbere imiryango yabo, n’igihugu muri rusangi.

JPEG - 41.4 ko
Abaremesheje ico kiganiro bari Nkezabahizi Jiriberi hamwe na Emile Uwezowamungu

Abatanze inyigisho,baramenyesheje ko kubaho utagira umugambi, bisa n’inka ituruka itazi iyo ija, itazi naho iza gutahira. Kugira umugambi,bisaba ugushaka, ukwiyumvira, n’uguhanuza abafise ubumenyi muvyo gutegura imigambi, inyuma yaho umugambi wawe ushobora kuwutwara muri BBIN (Burundi Business Incubator) bakagufasha kuwutosora, ndetse bakagutegura kugira ushobore kuja mu mahiganwa co kimwe n’abandi. Mu mahiganwa, umwe wese azana umugambi wiwe ukirwa hanyuma ugafashwa na BBIN kugire ushobore kuja mu ngiro.

JPEG - 30.7 ko
Umupfasoni Nelly Niyibizi

Kubw’uwaserukiye BBIN muri izo nyigisho, Umupfasoni Nelly Niyibizi, urwaruka rwokura amaboko mu mpuzu rugategura imigambi, rukaronswa n’abahinga babafasha gushira mu ngiro imigambi yabo. Umupfasoni Nelly avuga ko iyo uwajanye umugambi abishatse vy’ukuri, hari ico asabwa gutanga ni ama faranga ibihumbi 120.000 ku kwezi, agaheza akaronswa aho yigira umugambi wiwe, akaronswa imashini y’inyabwonko n’abahinga bamufasha kunonosora umugambi wiwe. Nelly yarangije asaba urwaruka kwijukira ubuhinga bwa none bw’ingurukana bumenyi kugira bahakure inyigisho, basome bongere barondere imigambi iri kuri ubwo buhinga, gurtyo batere imbere nk’abandi,aho kwama bateze amaboko, mu kuzera inze.
Mu rwaruka rwari aho ruhurikiye muri Vision Plus twayaze, baremeza ko ubu bagiye gukora batiziganya kugira batangure gutwara imigambi yabo muri BBIN.

Egide Nsabimana ari mubagize ishirahamwe Vision Plus ati :”Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze”, Yaronse uburyo bwo kwishikira i Nayirobi mu gihugu ca Kenya, aca aribonera imbabura zikoreshwa mu gukinjika, agarutse i Burundi ntakindi yiyumviriye atari kugira ishirahamwe ryitwa Société pour la Fabrication des Braseros Modernes (SOFABM) rikora imbabura ziziganya amakara, ati kandi rigakingira n’ibidukikije. Uyo musore yize ivy’amategeko, ati iyo ndindira aho Leta izompera akazi n’ubu mba ncicaye muhira. Abandanya avuga ko uwo mugambi wiwe, amaze kuwutwara muri BBIN ukirwa,yabaye uwa 5 maze aronka ibahasha irimwo ama faranga, ako gashimwe yaronse niko kamufasha kubandanya ashira mu ngiro uwo mugambi.

JPEG - 46.3 ko
Egide Nsabimana ,umwe mubaronse agashimwe

Abarongoye ishirahamwe Vision Plus, baranezerejwe n’ubumenyi baronkejwe, bakavuga ko ubu bagiye gushira igisata mw’ishirahamwe iwabo, ico gisata ngo kizokangurira abanywanyi kwijukira imigambi ibateza imbere. Asaba urwaruka guheba ingeso z’ukubona ko bavutse ku bantu batunze ngo bibaze ko nabo nyene bazogumana ubwo butunzi, mu gihe badakuye amaboko mu mpuzu ngo bakore, ngo biyumvire nyabuna imigambi yabo, kuko ivya gusa bitera ubwenge buke.

JPEG - 47.6 ko
Gad Bigirindavyi,arongoye ishirahamwe Vision Plus

Kubwa Gad Bigirindavyi arongoye Vision Plus, ati icivugo cacu kizofasha abantu benshi kuko hari abahora bibaza ko imigambi isaba uburyo bwinshi, ariko abahinga batweretse ibikenewe. Aheraheza avuga ko urwaruka rukwiye gukorera hamwe, haba mu mashirahamwe yo muntara,aya makomine n’ayandi kugira iterambere ry’igihugu ritere ryisununura, aho kwama tuzera inze .

JPEG - 47.9 ko
Urwaruka ruhurikiye mu mashirahamwe

Aristide Nizigire

Portfolio

Messages

  • the idea is good and it should be supported by NGOs and government of Burundi. let young people be job creators instead of being job seekers. I encourage these young men, they are on right track. God bless you guys

  • nanje ndabono kugira ubushomeri buhere nuko twokwihangira ubuzi kand nabakarons barakagaya kubera bize nuko akaz uko ariko kose gatunga umuntu kandi ako gato kakugeza kuko wipfuza rindira uzoronka nawe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.