Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Leo-Econet : Imiriyoni zitanu z’amarundi zo mw’ihiganwa "Ni hatari"zatanzwe
Leo-Econet : Imiriyoni zitanu z’amarundi zo mw’ihiganwa "Ni hatari"zatanzwe
vendredi 2 Nzero 2015
Amashirahamwe Leo na Econet aguma atanga amahigwe ku bakunzi bayo mw’ihiganwa ni "Hatari". Hari abatsinda bisubiriza kubera umwete no kwiyumvamwo ihiganwa. Akabirya n’uko naza miliyoni zitanu zatsindiwe, uwatsinze co kimwe n’abandi bashikirijwe ubushimwe bwabo kuri uwu wa gatanu.
Ihiganwa "Ni Hatari" rirabandanya. Diomède NINDABIRA yatsindiye kandi umuriyoni w’amarundi inyuma yo gutsinda kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2014. Avuga ati : "Sinumva uko noshimira amashirahamwe Leo na Econet yatunganije ihiganwa, jeho umwaka w’2014 ndawurangije neza kandi ntanguye neza uw’2015". NINDABIRA ashima kandi ko ihiganwa "Ni Hatari" ko ata ka mwana wa mama karimwo, hatsinda uwatoye ibibazo.

Uwundi yatsindiye umuriyoni w’amarundi ni NISABWE Theogene umunyeshuri, avuga ko atashoboye gutahura ko ariwe yatsindiye amahera angana uko. Ati : "Ndetse kubesha, nta mahera angana umuriyoni nari bwashire mu minwe yanje". N’umunezero mwinshi abura uko awusigura, avuga ko yatanguye gushima akibona ubutumwa buvuga ihiganwa, yibwira ko azotsinda canke hagatsinda abandi, gikuru ari ico ciyumviro ciza ca Leo na Econet.
Za miriyoni zitanu z’amarundi (5 millions de frs bu) zaraye zitsindiye NDAYIZAMBA Donatien umwigisha aba mu ntara ya Makamba muri komine Mabanda. Avuga ko igihe yumva bamuhamageye atabitahuye, ivyo bigatumwa n’umunezero. We, co kimwe n’abandi basaba ko abatarahiganwa bopima imigisha yabo kuko hatsinda kandi hatsindwa uwahiganywe. Bashimira kandi Econet na Leo ku ciyumviro co guha amahigwe abanywanyi babo.

Abo batatu bose bahawe "chèque" ingana n’amahera batsindiye. Eka bose baturitsa urutoki ko bategerezwa gutsindira za miriyoni 10 zizotangwa kw’igenekerezo rya 23 Nzero aho ihiganwa "Ni Hatari" rizorangira.



Cherif Nkeshimana
Messages
2 Nzero 2015, 18:46
Twasaba ko mwoza murerekana classement kugira 10 bambere bibone kugira abatashoboye kuronka amahirwe bashobore kugira umwete woguhiganwa
2 Nzero 2015, 22:27, par Nshimirimana Ferdinand
ndashimiyeabobosebagize amahirwe.nohanyumabazotsinde?