IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Liberia : Yegereyegere y’abaforoma ku bitaro bikuru

Liberia : Yegereyegere y’abaforoma ku bitaro bikuru

mardi 2 Nyakanga 2014

Muri Liberia, igihugu casinzikajwe cane n’ikiza ca ebola, abaforoma bo ku bitaro bikuru bagize yegereyegere kuri uwu wambere, bagasaba kuronswa umushahara ushemeye hamwe n’ibikoresho vyagenewe kurwanya ico kiza.

John Tugbeh, umuvugizi w’abari muri iyo yegereyegere ku bitaro John Fitgerald Kennedy i Monrovia, yamenyesheje ko bakeneye ibikoresho vyagenewe ico kiza, kugire bashobore gukora kandi bagahembwa neza, kuko bemera gushira ubuzima bwabo mu mpanuka. Akaba yongeye avuga ko abaforoma batazosubira ku mirimo yabo mu gihe batazoba bararonswa umwe wese ibikoresho vyagenewe gukingira umuntu kwandura indwara zandukira nka ebola.

John Tugbeh agasigura ko kuva ikiza ca ebola gitera ata bikoresho vyo kwikingira bigeze baronka, arico gituma abaganga benshi banduye ico kiza. Akongera akavuga ko bazoguma iwabo gushika baronse ivyo bikoresho bibakingira iyo ndwara.

Tubamenyeshe ko ikiza ca ebola candukira biciye mu biva mu mubiri (fluides corporels), kikaba kimaze kwica abashika ku gihumbi n’amajana atanu na mirongo itanu na babiri (1.552) mu bihugu bine vya Afrika y’Uburengero, nk’uko vyashikirijwe n’ishiharahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS), igenekerezo rya 26 Myandagaro 2014.

Liberia akaba ari igihugu casinzikajwe n’ico kiza, hakaba hamaze gupfa abagera ku 694 ku 1378 bari bafashwe n’iyo ndwara ya ebola. Hafi ic’icumi c’abapfa bakaba bari mu mugwi w’abavura abagwaye (personnels soignants). Ishirahamwe OMS rigatangaza ko igitigiri gishobora kurenga ibihumbi mirongo ibiri.
Iryo hagarikwa ry’akazi ku bitaro bikuru biri i Monrovia rikazotuma haba ingorane mu bijanye n’ukugwanya ico kiza ca Ebola.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.