Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mama Tereza w’i Calcutta yagizwe Umweranda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Mama Tereza w’i Calcutta yagizwe Umweranda

Mama Tereza w’i Calcutta yagizwe Umweranda

dimanche 4 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibirori vy’ugushira Mama Tereza mu gitigiri c’Aberanda vyabaye kuri uwu w’Imana i Vatican, bihagarariwe na Papa Fransisko. Uwo mubikira agiye kwitwa Tereza Mweranda w’i Calcutta.

JPEG - 27.5 ko
Mama Tereza w’i Calcutta yagizwe Umweranda

Mama Tereza, ni umubikira w’umunya Albaniya, yitavye Imana mu mwaka w’1997, akaba ariwe yashinze ibigo vy’ubutumwa bw’aba "Missionaires de la Charite", bitaho abakene bo mu bigwati vya Calcutta mu gihugu c’Ubuhindi.


IGIHE

Messages

  • NIVYIZA IMANA YABONYE ICAKWIYE.

  • Gusa niko nyene bivugwa. Ariko igitabo candikwamwo aberanda ko gifiswe na Yesu, abo bantu bo bamwanditse mu kihe gitabo? : NINDE BIBEREYE KW’AZINGURURA KIRYA GITABO, NGW’AMENE IBIKIMATANIJE? NTIHAGIRA UWO MW’IJURU, CANKE UWO KW’ISI CANK’UW’I KUZIMU ASHOBORA KUZINGURURA ICO GITABO CANKE KUKIRABA. NANJE NDIZWA N’UKO HATABONETSE UWUBEREYE KUZIONGURURA ICI GITABO. UMWE MURI BA BAKURU ARAMBARIRA ATI: NTACO URIRA: EHE INTAMBWE YO MU MURYANGO WA DAWIDI, YARANESHEJE NGO AZINGURURE ICO GITABO, AMENE IBIKIMATANIJE (Ivyahishuwe 5: 2-5). Ico gitabo ngo hariho abo amazina yabo yanditswemwo, nkuko Mose na Paulo na Yesu bavyemeza, ariko ngo n’Imana gusa icandikamwo. Kikaba kiri mw’ijuru gusa: Mose ati: "Jewe upfume unsibanganya mu gitabo cawe wandise (Kuvayo 32: 32. Dawidi ati: " ibigabitanyo vyabo ubibasubirize mu nkoko, ntibaze binjire mu vy’ukugororoka kwawe, basibanganywe MU GITABO C’UBUGINGO, NTIBAZE BANDIKANWE N’ABAGOROROTSI (Zaburi 69: 27-28). Yesu ati: Munezerwe ariko n’uko amazina yanyu yanditswe mu gitabo c’ubuzima (Luka 10: 20). Paulo ati : wame ufasha abo bagore, kuko barwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bwiza, bo na Klementi n’abandi bafatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo (Abafilipi 4:3)

    Mwoduha umuco w’ukuntu cavuye mw’ijuru kikagera ngaha kw’isi, ku buryo umuntu w’umunyavyaha nkanje yoshobora kucandikamwo ivyo yishakiye? Jewe numva binteye agahinda n’amakenga cane? NTA MUNTU ASHOBORA KWANDIKA UWUNDI MU GITABO C’ABERANDA. Ibi si jewe mbivuze, niko Ijambo ry’Imana rivyigisha. None ar’Imana, ari n’abo bantu bihaye ikibanza c’Imana, ukuri n’ukuhe? Niba har’uwogira inyinshu n’adufashe,

  • Ivyo Bintu Bisiga Ubwenge Aho Umuntu Yokwandika Mugenziwe Muberanda

  • Ndabaramukije amahoro mwese musoma ibi nanditse,N’ivyukuri mama Tereza wi calcuta n’umweranda.Abavuga ivyo bashaka n’uburenganzira bwabo ariko nagira ndabibutse ko na Yezu yarumwana w’Imana batatinye kumwita belzebul,none rero mwebwe mushaka gutahura vyoba vyiza mwegereye umugwi washinzwe ico gikogwa bakabasigurira kuko muri Ekleziya Catholika ntituri ubusimbira hamwe ibintu bifise uko biringanijwe n’inzego zibishinzwe gutyo uwo wese afise ikimuriganiye kumutima canke mukwemera kwiwe akaronka abamufasha.Murakoze.

  • Muvandimwe witwa Munezero, ntitwavuze ko uwo mubikira ari Belzebuli. Ntitwavuze ko muri ubusimbirahamwe. Ntitwavuze ivyo twishakiye. Twatanze ibishingantahe vya Bibliya, kandi turemera ko Mutima Mweranda atibesha. Twasavye aboba bafise umuco w’ukuntu ico gitabo c’ubuzima cavuye mw’ijuru kikaza hano kw’isi kugirango umuntu w’umucumuzi nkatwe acandikemwo abo ashatse, ko bodusigurira. Ntituguhakaniye ko uwo murwi ushinzwe kugira amatohoza ku bazoba aberanda bo mw’idini ry’Ekleziya gatorika ko uwo murwi utabaho. Ubaho mbere tubizi kugusumvya, kuko twavyize wewe utaravuka. Kandi turubaha cane Ekleziya. Ariko iyo umuntu avuze ico yiyumvira ntaba atukanye. Kandi kubaza ikibazo udasobanukiwe, sinumva ko hoba harimwo icaha. Tsinda ishavu, kuko habanje urukundo, Ekleziya yo wayeretswe na so na nyoko, ariko Ijambo ry’Imana niryo ryakubumvye rigukura munda ya mama wawe (Zaburi 139: 13-16). Uwogira igisubizo ariko kitavuguruza Ivyanditswe Vyeranda, yoba adufashije.

  • Uko nuguhenda abantu.ntawogira uwundi umweranda,kuko uwuhoraho niwe azi ivyo umuntu yakoze.abo bakora ivyo n’abarogosi kuko biyita abasubirizi ba yesu.ninde yosubirira uwuriho?yesu yosubirigwa nande?

  • Teresia Mweranda Ni Adusabire.Cane Cane Asabire Uburundi Umukama Aburasaneko.

  • Teresia Mweranda Ni Adusabire.Cane Cane Asabire Uburundi Umukama Aburasaneko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.