Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Abatsinda mw’ihiganwa "Ni Hatari"bafise ayandi mahigwe mu mpera (...)
Abatsinda mw’ihiganwa "Ni Hatari"bafise ayandi mahigwe mu mpera z’ihiganwa
mercredi 7 Nzero 2015
Abakoresha imihora ya Leo na Econet baracafise imiriyoni zo guhiganirwa mw’ihiganwa "Ni Hatari". Ku munsi munsi haratangwa umuriyoni w’amahera yamarundi kubahiganwa bakishura ibibazo bahabwa biciye mu butumwa bugufi"SMS".

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo 7 nzero, umugabo yitwa Ntwari Onesime akora urudandazwa yatahukanye ibasha ry’umuriyoni. N’akanyamuneza kenshi, Ntwari arashima imihora ya Leo na Econet yiyumviriye gutunganya iryo higanwa. Ubu akaba yiteguye guhiganirwa imiriyoni cumi z’amarudi rizoba kw’igenekerezo 23 Nzero.
Ikiboneka mw’ihiganwa "Ni Hatari" n’uko imirwi yose y’abantu bakora ibi canke biriya baza barashikirwa. Aha tuvuga amahigwe ahabwa abanyeshuri, abigisha, abadandaza, abakozi bo mu mashirahamwe yigenga, abikorera ivyabo, muri make biboneka ko ari ihiganwa ritavangura.
Tubibutseko abahiganwa bakoresha amahera amajana abiri y’amarundi ku butumwa "SMS", abamaze gutsinda bafise uburenganzira bwo guhiganirwa imiriyoni cumi kandi kubandanya bakina vyongereza imigisha. Imiriyoni zishika kuri 26 z’amarundi ziracari mw’ihiganwa gushika kw’igenekerezo rya 23 Nzero.

Cherif Nkeshimana