Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Musaga : Abanyagihugu bafise ubwoba bw’uguterwa n’indwara ziva kw’isuku (...)
Musaga : Abanyagihugu bafise ubwoba bw’uguterwa n’indwara ziva kw’isuku rike
mardi 10 Ntwarante 2015
Abanyagihugu bo muri komine ya Musaga hafi y’ikomine, bamenyesha ko bashobora kwandura indwara zivuye kw’isuku rike, mu gihe bemeza ko hari ubukene bw’amazi.
Abo banyagihugu, basaba ishirahamwe REGIDESO ko ryokora ibishoboka vyose, bakaronswa amazi akwiriye mu gihe amarobine asa n’ayakamye. Baremeza ko amazi bayaronka bigoranye, mbere rimwe rimwe bakaba barinda kuja kuvoma muri quartier ya Kinanira, ivyo bakaba bavuga ko babimazemwo amezi atari make. Abo banyagihugu bavuga ko bavyuka inyomvyi, bagiye kuvoma, kuva igihe c’isaha icumi z’igitondo, hakagera isaha hafi imwe z’igitondo atamazi bararonka, bemeza ko amarobine ari make, kandi nka yose asa n’ayakamye.

Abanyagihugu baremeza ko iyo ngorane izwi n’abategetsi b’iyo komine, ariko ko, iminsi iheze itaratorerwa umuti. Abakora ubuzi bwo gukinjika, bavuga ko iyo ngorane y’amazi ibaruhishije, aho bamwe bamwe bavuga ko batanatahurwa n’ababarongoye. Bavuga ko hasigaye hanageze igihe bagura amazi amafaranga ijana ikibido kimwe, amajana abiri kugera mbere no ku mujana atanu, kugira abakoresha babo, baronke amazi boga, imbere y’uko baja ku buzi.
Aristide Nizigire
Messages
11 Ntwarante 2015, 12:01, par jean Luc
Birateye isoni kubona umurwamukuru w’igihugu abantu badashobora kuba bafise amazi mumazu yabo. Ishirahamwe REGIDESO ryari rikwiye gufutwa hakaboneka ayandi mashirahamwe akora icogikorwa. Musitanteri wa Komine musaga yari akwiye gutanga imihoho. None woba uri umutegetsi udashobora no kugira vision ijanye na komine yawe? Ahubwo ikibazo c’amazi nticarigikwiye no kuvugwa murikinogihe. Iyo minipole ya REGIDESO, tuyihagurukire tuyirwanye twese.
Hari Umupatiri aheruka kwitaba Imana yitwa BUYENGERO, yarafise projet y’amazi mugisagara cose ca Bujumbura, ivyirwa vyari vyaheze kuko imisozi yose ya ikikije igisagara ca Bujumbura huzuye amazi. Ariko bansumira inda baramubujije ngo mpaka abahe igiturire, none ubu yapfuye vyose bica birahagarara. None uyo musitanteri adashobora gufasha aho atwaye ntimwumva ko Barundi barundikazi dukwiye kiva ibuzimu tukaja ibuntu., Birateye isoni kwumva mugisagara ca Bujumbura abantu bagura amahera amazi. What shame !

Jean Luc Muheto