Accueil > Ubuhinga bwa none > Nasa ikurikiranira hafi ikinyenyi asteroide kiriko cegereza (...)
Nasa ikurikiranira hafi ikinyenyi asteroide kiriko cegereza isi
vendredi 15 Ruhuhuma 2013
Nasa iguma icunze ca kinyenyeri asteroide gifise ubwaguke bungana metero 45 kiriko kiza cerekeye isi, ariko bivurwa ko kitazoyiseka, kizoca iruhande yayo hazoba ari kuri uyu wa gatanu.
Abahinga mu vyo ikirere muri Amerika bavuga ko ico kinyenyeri asteroide ciswe 2012 DA 14 gipima amatoni 135.000, mu gihe cogira ico cononye gishobora kuzofuta umurwi munini w’ibintu. Niyo asteroide ya mbere izoba iciye hafi y’isi.
Iyo nyenyeri yatowe mu kwezi kwa 2 ivugwa ko izoca ku birometero 27.600 uvuye kw’isi kuri 1 ca 10 hagati y’isi n’ukwezi.
Biba kuri uyu wa 15 ruhuhuma isaha imwe n’iminota 25 z’ijoro mu burengero bw’ibahari indiyano ku nkengera za Sumatra muri indoneziya ifise umuvuduko w’ibirometero 7,8 kw’isegonda.
Ica hafi cane y’isi ugereranije n’ibigendajuru bimwe bimwe.
« Mu ncamake asteroide ingana nk’iyo yegera isi inyuma y’imyaka 40 igahakwa kuyiseka uko imyaka 1.200 iheze .» Ivyo vyavuzwe na Donald Yeomans umuyobozi wa NEO mu mpfunyapfunyo y’icongereza igisata ca Nasa kijejwe ubushakashatsi bw’ibigendajuru hari mundwi iheze.
Kuri uyu wa gatanu iyo nyenyeri iza kurabwa n’icuma kiraba kure telescope mu buraya bw’ubuseruko, muri australia, no muri aziya kuko ariho buzoba bwije. Iboneka nk’akaburungu kaka kagendagenda mu kirere.
Tubamenyesheko iyo nyenyeri izotanga akaryo ku bahinga ko kugirira hafi ivyigwa ikigendajuru hafi y’isi, kandi bizotuma bacungera isi yabo.
Sylvere Bavumiragiye
Messages
4 Gitugutu 2015, 04:40, par jib
Ntacotuzoba iyaremye vyo iriho
9 Gitugutu 2018, 04:11, par Nkurunziza Calixte
Iyo Muduhaye Amakuru Yikintu Kizoba Tuba Dukeneye Ko Muza Muratubwira Ayomakuru Aho Ageze Oe Icokinyenyeri Carakorotse Cank Yaciye Gisiba?