Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Nta mukenyezi wo kurera amaboko
Nta mukenyezi wo kurera amaboko
mardi 13 Myandagaro 2013
Abanyagihugu batari bake ubu barabona ko ibintu vyahindutse, ari naco gituma yaba umugore, umugabo, abana bose bakora ku buryo bokwiteza imbere bo nyene mu dukorwa turaba iterambre ry’umuryango.
Abakenyezi baba ku mbibe z’Uburundi bavuga ko kwicara mu hira barindiriye ko umugabo ahava atahana amafaranga yo gusuma vyari ivya kera, ubu nabo nyene bakora ibishoboka kugira uretse udukorwa two mu nzu canke kurima ariko bagire utundi bashobora kuba batarakora inyuma y’ibikorwa vyo mu nzu. Niyonzima Marita, umukenyezi wo mu Gatare muri komine ya Busoni, yatumenyesheje ko avuye kurima aca aja kurangura ibijumbu, ibitoke n’amateke. Ariko ivyo akaba abikura kure kuko usanga kenshi biva mu makomine ya Giteranyi na Bwambarangwe.

Ariko naho bimeze ukwo, uyo mukenyezi avuga ko atakundi aba ari bugire kuko atoguma muhira, ariko ari kw’ibarabara ashobora kudandaza ashobora gutahana nk’igihumbi canke ibihumbi bibiri vy’inyungu, na kare ku bwiwe ngo nta mukenyezi wo kurera amaboko. Umupfungo w’ivbijumbu n’amafarana amajana atanu, mu gihe uw’igitoke nawo usanga ari amafaranga igihumbi.

Uravye ivyo bidandazwa birazimvye, kuko umufungo umwe w’ibijumbu usanga ugizwe n’ibijumbu nka bitatu canke bine. Abanyagihugu bo muri ako gace k’intara ya Kirundo bavuga ko inzara ari nyinshi muri iki gihe kuko imvura yaguye nabi cane, ubu akaba ari umukungungu utuma. Ubu basaba Leta ko yokora ukwo ishoboye kugira ibaronse imbuto kuko batagira ico bazotera.
Joel Sengurebe