Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Nyakabiga: Ata barabara nta terambere
Nyakabiga: Ata barabara nta terambere
mercredi 13 Munyonyo 2013
Komine ya Nyakabiga iri mu gisagara ca Bujumbura, igiye kugira amabarabarameza, kuva aho ama quartier abiri kuri atatu agize iyo komine batanguriye kuyakora, mu gusasa amabuye hasi.
Nyakabiga ya kabiri niyo isanzwe yari yaraheheje gukorwa haraheze igihe, ubu naho amabarabara yo mu nyakabiga ya mbere niyo ariko arakorwa ku bwinshi. Nyakabiga ya mbere nk’uko abanyagihugu baho babibariye ikinyamakuru IGIHE, barashima uyo mugambi wa Leta wo kubaha amabarabara meza, mu gihe bavuga ko igihe c’imvura bahura n’ingorane z’ivyondo, amazi agatega mu mabarabara, bakabura aho baca kugira baje kwironderera ico rikesha. Mu gihe c’ici naho, umukungungu ugasanga uteye ubwoba, aho usanga ibicurane ari akaranda mu banyagihugu bo muri iyo quartier.
Ubu rero hasigaye Nyakabiga ya gatatu, amabarabara yaho akaba nayo mu minsi azokorwa nk’uko abarongoye iyo quartier babitubariye. Ubu iyo komine ikaba igiye kugira amabarabara akozwe neza. Ku bwa Saidi Nzikobanyanka, avuga ko atabarabara nta terambere, ivyo bigaca bituma iyo komine yabo iguma ikengerwa, ugasanga abashoboye kuyubakamwo amazu meza badashobora kuhubaka, kubera kuyikengera, abarwizatunga baba babona ko ibikorwa vyabo vy’iterambere vyohahombera, nk’ukubaka amahoteri meza, amazu y’uburiro ya kijambere, inyubakwa nziza z’uburaro n’ibindi.
IGIHE
Messages
15 Ntwarante 2014, 22:51, par niyubahwe
Felicitation au chef des zone de nyakabiga, bravo
15 Ntwarante 2014, 23:11, par niyubahwe
Imana ishimwe igihungu kirafiseamabarabara , nibazako limitation des vitese yoba nécessaires ko harabana baregana beshi kuri sécurité yabo iyo bagiye kwishure hakabanutubare duke