IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > OBR yatanguje icese ubuhinga bushasha bwa ’’Guichet Unique Electronique’’

OBR yatanguje icese ubuhinga bushasha bwa ’’Guichet Unique Electronique’’

lundi 2 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR (Office Burundais des Recettes) catanguje ubuhinga bushasha bwa "Guichet Electronique Unique", bukazotuma abadandaza bahungukira umwanya kuko bazoshobora kuronka ibipapuro bipfuza batarinze kuva mu biro vyabo, canke ku kazi kabo.

JPEG - 1 Mo
Gerevasi Rufyikiri ari kumwe n’abarongoye ikigo OBR

Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri Ntwarante, niho hatanguzwa icese uwo mugambi wa "Guichet Unique Electronique". Intumbero y’uwo mugambi ni kworosha urudandazwa mu Burundi, na cane cane urudandazwa mpuzamakungu.
Mw’ijambo ryiwe, uwurongoye ikigo OBR, Domitien Ndihokubwayo, yamenyesheje ko uwo mugambi ari ubuhinga bushasha bujanye no guhanahana amakuru hamwe n’impapuro zose zikenewe hagati yabo bose bafise uruhara mu vyerekeye urudandazwa. Ivyo rero bizotuma rwa ruja n’uruza mu mabiro rugabanuka ku basanzwe bakora urudandazwa.

Akarusho ka mbere n’uko uwo mugambi uzotuma umwanya ugabanuka mu bijanye no kurondera impapuro zose ziba zikenewe, uwo mugambi ukazotuma kandi urudandazwa rwa magendu n’ibiturire biganuka, gurtyo rero bikazotuma umwimbu w’igisata ca OBR wiyongera, n’abanyamitahe bakazoharonkera akoyokwe. Uwo mugambi uzotuma OBR ikora amadosiye menshi cane, bitume umwimbu w’ico kigo wiyongera, nk’uko vyashikirijwe na Leonce Niyonzima umuyobozi ajejwe imigambi muri douane.

Uwo mugambi wa Guichet Unique Electronique rero utegekanywa kuja mu ngiro imbere y’uko uno mwaka w’2015 urangira, nko mu kwezi kwa Mukakaro hakazogera igisata ca mbere camaze kwinjira muri uwo mugambi. Ibindi bisata bikazokurikira mu nyuma nk’uko Leonce Niyonzima abandanya abishikiriza.

Tubamenyeshe ko ibirori vyo gutanguza icese uwo mugambi wa Guichet Electronique Unique" vyuguruwe icese n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri, ari kumwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabou Abdallah Manirakiza, hamwe n’abasanzwe bafasha muri uwo mugambi yaba mu buhinga canke mu buryo nka Trade Mark East Africa, hamwe na CNUCED (Conférence des Nations Unies sur le Commerce et le Développement)

Gerevasi Rufyikiri akaba yashimiye abafashije yongera avuga ko ikigo OBR kizoshobora kwinjiza amafaranga menshi, bigatuma Reta y’Uburundi ishobora gushira mu ngiro imigambi yiyemeje.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.