Advertisement
Kumenyekanisha
OMS yahinduye amabwirizwa ku muti upfupfahaza umugera wa SIDA
Yanditswe taliki ya 30-09-2015 - isaha 15:37' na Van Naris Mugisha

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, ryahinduye amabwirizwa yaryo ajanye n’itangwa ry’imiti irwanya umugera wa Sida.

Ishirahamwe OMS risaba ko umuntu wese amaze kwipimisha umugera wa Sida bagasanga arawufise,ko yoca atangura guhabwa iyo miti irwanya umugera.

OMS ivuga ko igerageza ry’imiti ipfupfahaza umugera wa Sida, ryasanze iyo ifashwe hakiri kare ituma abagendana umugera wa Sida babaho igihe kirekire kandi bikagabanya ko ubushobozi bwo kwanduza abandi.

Mu bisanzwe abaganga basabwa gutanga iyo miti ari uko hatanguye kuboneka ibimenyetso vyerekana ko ukudahangarwa n’indwara k’umuntu gutanguye kugabanuka ku buryo aba yegereje kurwara.

Aya mabwiriza mashasha agiye gutuma ibiharuro vy ’abahabwa imiti yo gupfupfahaza umugera wa Sida vyiyongera,bikava ku bantu imiliyoni 28 bigashika ku bantu imiliyoni 37 kw’isi yose.

Ivyiyumviro vyanyu

IRYOSHIRAHAMWE RIRAKABAHO KUKO BITAYEHO AMAGARAYABANTU AYOMABWIRIZA NIMEZA NUKUVUGA KOBINGUYENEZA KUBWIYOMIGAMBI

3.12.2015 à 16:04
HAKIZIMANA J,CCLAUDE

IYO NGINGO YA OMS NI NZIZA CANE AHUBWO YARI YARATEVYE ARIKO NGO MIEUX VAUT TARD QUE JAMAIS.
Kimwe gusa OMS iraraba ifate nizingi ngingo ziherekeza iyo ngingo na canecane zo kurwiza imiti kugira bose bayironke Leta ibicishije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu nayo ifate ingingo zituma ibibanza vitangirwamwo iyo miti bigwizwa kugira vyegere cane n’abayironka. Abayitanga nabonyene bagwizwe kandi bakarihirizwe ubwenge bikwiye. twizeye kandi ko iyo ngingo izotuma abipimisha biyongera. IMANA NIHABWE ICUBAHIRO IHEZAGIRE IBIKORWA VYIZA NKA BENE IVYO.

9.10.2015 à 20:11
NIZIGIYIMANA Marc

Yemwe turabishimye gooose imana ibongere imigisha.

7.10.2015 à 00:25
Munyaneza

ni baduhe inhibiteur de fusion nkuko nabazungu arizo bafata

4.10.2015 à 07:08
gaciyubwenge

turabishimye cane kuko igihe co kubaho kigiye kwiyongera

2.10.2015 à 20:18
françois

Iyo miti naho bayizanye nabwo ari solution. Ahubwo ivyiza mbona,twese twokizwa,tukava m-ubusambanyi. Aho Sida yohera !

1er.10.2015 à 21:27
François Hitimana

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.