IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Papa Fransisko yasavye ko hoba ibiganiro hagati y’abashamiranye

Papa Fransisko yasavye ko hoba ibiganiro hagati y’abashamiranye

vendredi 26 Kigarama 2014

Mw’ijambo umwungere wa Ekereziya gatorika yashikirije mu guhimbaza umunsi mukuru wa Noweri uzwi kw’izina rya Urbi na Orbi, Papa Fransisiko yashimikiye cane ku bihugu vyugarijwe n’intambara na cane cane Syria na Irak.

Kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 25 Kigarama 2014, mw’iijambo ryo guhimbaza umunsi mukuru wa Noweri, Papa Fransisiko yaraneguye inyifato y’abari mw’idini rya Isiramu muri Irak na Syriya bahohotera abakarisu n’abandi badasangiye idini.
Umwungere wa Ekereziya Gatorika yasavye ko hoba amahoro n’umwumvikano mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati mu gihugu ca Irak. Asaba kandi ko hoba n’ibiganiro hagati y’abashamiranye kuva mu gihugu ca Ukraine kugeza muri Nigeria.

Mwomenya ko imbere y’uko asoma imisa y’ijoro rya Noweri, Papa Fransisiko yari yavuganye akoresheje terefone yiwe, aganira n’impunzi z’abanya Irak ziri mw’ikambi iri hafi ya Irbil. Akaba yasavye izo mpunzi zataye ivyabo zikabura n’ababo kubw’intagondwa z’abayisiramu bari ku butegetsi mu gihugu ca Irak, ko bokwihangana, bagakomeza gusenga, no kuguma bazirikana amajambo y’Imana bumvise.

Ibitero bikorwa n’abayoboke ba Isiramu bari ku butegetsi, vyatumye abakirisu baharurwa mu bihumbi, n’abandi bo mu yandi madini atandukanye, bata ingo zabo zo muri Irak no muri Syria, barahunga, abenshi mbere muribo bakaba bagizwe n’abana, abakenyezi n’abageze muzabukuru.

Papa Fransisiko asaba amakungu ko abo bose bateshejwe ivyabo n’ababo, baranahunga kubera ibitero bikorwa muri Irak na Syriya n’intagondwa z’aba Isiramu ko boronswa agafashanyo.

Tubibutse ko ari Noeli ya kabiri papa Fransisiko ahimbaje, akaba mbere aherutse no gukwiza imyaka 78 y’amavuka. Ijambo ryiwe ryo guhimbaza Noweri, kuri uyu wa kane wa 25 Kigarama 2014 rikaba ryakurikiranywe n’isinzi y’abantu bavuye mu mihingo itandukanye.


Mariella Bukuru

Messages

  • Please correct immediately the name of the Pope in your article. the Pope’s FRANCESCO and not FRANCESCO 16th. We will be grateful if you take into account our advice.
    Thank you and recieve your nativity blessing.
    Observatory romana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.